IVYIYUMVIRO VYAWE BIMEZE GUTE ?

Ivyiyumviro vy’umuntu bigira inkurikizi ku kuntu ameze n’ukuntu yitwara canke yigenza.
Ibi tubibona dusomye igitabo c’Imigani:

« Kuk’ uko yiyumvira mu mutima ari kw ameze: Araguhimiriza, ngo N’urye, n’unywe; Arik’ umutima wiwe udafatanije nawe. »(Imigani 23:7)

Muvy’ukuri, ivyiyumviro vy’imbere mu muntu vyerekana imico yiwe nyayo, n’aho ashobora kuvuga canke gukora ikintu gitandukanye hanze.
Ivyo twiyumvira mu mitima yacu bifise inkurikizi zikomeye kubo turibo no ku buryo dukora.
« Arikw ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya. Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi. »
(Matayo 15:18-19)
Aya majambo yerekana ko ivyiyumviro n’imigambi vyo mu mitima y’abantu arivyo nkomoko y’ibikorwa vyabo, vyaba vyiza canke bibi.
ICOGUHA KUGIRA IVYIYUMVIRO VYIZA !

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kugira ivyiyumviro vyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *