IYO IBIHE BIGOYE BIKOMEJE

Iyo ingorane z’ubuzima zimaze kuba nyinshi kugeza aho twumva dutsinzwe, tuba tumeze nka ba baheburayo, igihe bahunga ingabo za Farawo maze bahagarara imbere y’ikiyaga gitukura.

« Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo. »(Kuva 14:4)

Imana yari kureka gukomantaza umutima wa Farawo ahubwo ikamutuma areka abayuda bakigira bitagoranye, ariko Abanyamisiri ntibari kumenya ko Uhoraho ariwe yabikoze.
Muvy’ukuri, Imana yacu irashobora gukomantaza ibihe turimo, nk’uko yakomantaje umutima wa Farawo, igamije kwihesha icubahiro, nk’uko yabikoze ku kiyaga gitukura.
Har’igihe Uhoraho aba ashaka kugaragaza inkomezi ziwe haba Ku baduteye ibibazo, haba ku baduhevye, banse kudufasha, canke kuri twebwe nyene ubgacu kugira akomeze ukwizera kwacu.

Uko biri kwose, dukwiriye kuguma twizera mu gihe turindiriye ko Imana yihesha icubahiro.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe gukomeza kukwizera mu bihe bigoye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *