IYO IBINTU BIHINDUTSE

Iyo umuntu atey’imbere mu kibanza — mu kazi, mu buyobozi canke mu butunzi — abagenzi baragwira.
Amaso amurabana umunezero, amajambo akaryohera, abantu benshi bakamwiyegereza.
Ariko Ijambo ry’Imana riduha umuburo uciye mu vy’ukuri:
«Ubutunzi bugwiza abagenzi, Arik’ umworo we, umugenzi yitandukanya na we.» (Imigani 19:4)

Uyu murongo urerekana ko hari ubugenzi bushingiye ku nyungu aho gushingira ku rukundo nyakuri.
Kwemera abagenzi b’ibinyoma bituma umuntu yibesha, agafata ingingo mbi, kandi bikamuviramwo ubwigunge igihe ibintu bihindutse.

Ubwenge busaba kudashingira umwirondoro wacu ku kibanza dufise, ahubwo kuwushingira ku Mana; kwitondera ubugenzi uko igihe gihita; no guha agaciro abaguma ari abizigirwa mu bihe vyiza no mu bihe bigoye.

Kuko n’aho abantu bahinduka uko ibihe bihinduka, Imana yo ntihinduka na gato:
«Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.»
(Abaheburayo 13:5)

IGISABISHO:
Mwami, duhe ubwenge bwo kumenya ubugenzi bw’ukuri, kandi uduhe umutima wicishije bugufi mu bihe vyose. Amina.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *