Abantu benshi iyo baravye ivyo baraciyemwo mu buzima bwabo, har’aho bavuga bati: “Iyo menya…”
Bibiliya irerekana ko ukwicuza ivyo twakoze atari bishasha, ariko ko bishobora kuba inzira itujana ku buntu bw’Imana.
Adamu na Eva barariye icamwa Imana yari yababujije, baca basanga bagize isoni n’ubwoba. Adamu yavuze ati:
“Numvise ijwi ryawe mw itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza.”(Itanguriro 3:10)
Mu yandi majambo, ni nk’uko yaravuze ati: « iyo menya, sinari kurengana itegeko ry’Imana. »
Ariko Imana yaciye ibagirira ubuntu, ibaha isezerano ryo kubasubiza mu buzima busanzwe.
Umwana w’ikirara na we nyene n’uko vyamugendeye. Amaze gusesagura ivyo yari yarahawe vyose, yarisubiyemwo(Luka 15:17) — ka kanya umuntu yibwira ati: iyo menya, sinari gufata iyi nzira.
Se nawe, yari amurindiranye igishika kugira amusubize agaciro.
Petero amaze guhakana Yesu gatatu, yaraturitse ararira
(Luka 22:62). Mu mutima wiwe hari havuze hiti: « iyo menya… »
Ariko Yesu yarasubiriye kumwizera akamushinga amabanga yo kumukorera
(Yohani 21:15–17).
Izo nkuru zose ziratwereka ko umubabaro wo kwicuza atari iherezo.
Bibiliya ivuga iti:
“Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza.” (2 Abakorinto 7:10) — umubabaro utujana ku buzima, atari ku gucirwa urubanza.
Kandi Imana idusezeranya iti:
“Nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zararaye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta.”(Yoweli 2:25)
Nta kahise kabi Imana itoshobora gukiza.
Aho kubaho muri “iyo menya”, Imana iduhamagarira kurondera ubgenge bwo kutazosubira mu makosa muri kazoza:
“Asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinubge, idaterana imirarwe, azobuhabga.”(Yakobo 1:5)
IGISABISHO:
Mwami, nyakira ukwicuza kwanje uguhindure intango nshasha.
Urakoze gunsubiza ivyo natakaje no kumpa ubgenge bwo gutera intambwe ntatinya.
Mw’izina rya Yesu, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
