“Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.”
(Yohani 14:27)
Umutima wahagaze, uba udafise amahoro, uba udatekanye.
Iyo wahagaze, uba nk’irembo ryuguruye ku kwumva nabi, ku gutahura nabi ibintu no ku gutanga inyishu zidatomoye, ziturutse ku vyiyumviro vy’umubiri.
Ibi, Yesu yari abizi, igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.”
Yar’azi ko umutima udatekanye udashobora kwumva neza ijwi ry’Imana.
Umutima udatekanye wumva nabi — ntiwumviriza ijwi ry’Imana, ahubwo wumva amajwi y’ubwoba n’ukwiganyira.
Usobanukirwa nabi — usigura nabi ivyabaye, ivy’abandi n’amasezerano y’Imana.
Kandi usubiza nabi — amajambo avamwo aba inyishu z’umubiri aho kuba iz’impwemu.
Iyo amahoro y’imbere abuze, amajambo y’abandi aratubabaza cane;
ijambo ry’urukundo turifata nk’ugutukwa,
inama nziza tuyita ukutunegura,
n’ukwihorera nakwo tukavyita agasuzuguro.
Ariko ikibazo ntikiba kiri muvyo umuntu aba yavuze, kiba
kiri mu mutima wumvise ivyavuzwe.
Ni co gituma tugomba kurinda umutima wacu kurusha ibindi vyose.
“Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose,
Kukw ari ho ubugingo bududubiriza.” (Imigani 4:23)
Uburorero bugaragara:
1. Abisirayeli mu bugaragwa (Kuvayo 16:2-3; Kubara 14:1-4)
Umutima wabo wari wuzuye ubwoba watumye batumva ijwi ry’Imana biciye kuri Musa.
Bumvise nabi isezerano ry’Imana, bavuga nabi, biyumvira ko yabazanye ngo bapfire mu bugaragwa.
Umutima udafise amahoro wumva nabi.
2. Abigishwa b’i Emawusi (Luka 24:13-32)
Inyuma yo kubambwa kwa Yesu, imitima yabo yaracitse intege, ntibamenya Yesu yazutse, n’ubwo yabaganiriza kandi abasigurira Ivyanditswe.
Umutima udatekanye usobanukirwa nabi.
3. Musa (Kubara 20:10-12)
Amaze gushavuzwa n’amajambo y’abisirayeli, Musa yarakubise urutare aho kuruvugisha, maze arenga ku vyategetswe n’Imana.
Umutima udatekanye usubiza nabi.
Ukuri kwo mu mpwemu:
Iyo umutima wawe wabuze amahoro, uburyo ubona ibintu burahinduka, ibisubizo vyawe biba bigoramye, kandi umubano wawe n’Imana urahungabana.
Amahoro y’umutima n’urufunguruzo rwo kwumva neza, gusobanukirwa neza no gusubiza mu bwitonzi.
IGISABISHO:
Mwami Yesu,
Uri Umwami w’Amahoro.
Hagarika imiyaga y’imbere mu mutima wanje.
Nkiza ubwoba, ishavu no guhungabana.
Mpa umutima utekanye wumva neza, usobanukirwa neza,
kandi usubiza nk’uko ubgenge bwawe bubitegeka.
Amahoro yawe n’arinde ivyiyumviro n’amajambo vyanje buri musi.
Ni mw’izina ryawe nyene Yesu Kristo, nsenze,Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA