Abantu benshi bavuga bati: «Uko niko ndi, mumfate uko ndi.»
Ayo majambo ashobora gusobanura ibintu bibiri bitandukanye.
1. Gushaka kwakirwa canke kwemerwa
Buri muntu wese aripfuza gukundwa no kwakirwa uko ari. Ni vyo Imana ikorera abantu bose. Bibiliya iti:
«Ariko Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.»(Abaroma 5:8)
Ego cane, Imana iradukunda uko turi, n’intege nke zacu n’ibikomere vyacu.
Ntitubanza kuba beza kugira ngo tuyegere. Urukundo rwayo ruza rudusanga aho turi n’uko turi.
2. Ingaruka yo kwanka guhinduka
Ariko kuvuga ngo «Uko niko ndi, mumfate uko ndi» bishobora kuba ari n’uburyo bwo kwihishamwo kugira ngo umuntu ntahinduke.
Bibiliya yigisha neza ko guhura na Yesu bihindura ubuzima:
«Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.»(2 Ab’i Korinto 5:17)
«Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.»(Abaroma 12:2)
Urukundo rw’Imana ruvuga ruti: «Iza uko uri», ariko rongerako ruti: «Ntuzoguma uko uri.»
3. Uburorero bw’ihinduka
•Petero, yari umuntu w’umururazi n’impengamiro, yacitse intumwa y’ubwitonzi n’ubutwari.
•Paulo, yari umubisha w’ishengero, yacitse intumwa y’Inkuru Nziza.
Umusozo
Imana iratwakira uko turi, ariko iradukunda cane ku buryo itatureka ngo tugumye uko turi. Iyo uri mu minwe yayo, ubuzima bwawe burahinduka.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA