KUBA UMWE NA KRISTO

Iyo twakiriye Yesu Kristo mu buzima bwacu kubwo kwizera, dufatwa nk’abagize ubumwe na We.
Ubwo bumwe bwo mu mpwemu butahurwa nk’umubano ukomeye hagati yacu na Kristo, aho tuba turi muri Kristo na Kristo akaba muri twebge.

« Arik’ uwimatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we. »(1 Abakorinto 6:17)

Kuba Yesu Kristo ari muri twebge no kuba natwe turi muri Yesu Kristo ni ibintu bibiri vyuzuzanya mu mubano wo mu mwuka dusangiye na We.
Ngizi insiguro zitandukanye dusanga muri Bibiliya, zisobanura neza ubu bumatane:

1. Kristo muri twebge:
Kuba Kristo ari muri twebge bituma duhinduka imbere muri twebge, tugahindura kamere yacu, bigatuma duhuza n’ishusho yiwe.
Amaze guhindurwa, intumwa Pawulo yaravuze ati:
« Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura. »(Ab’i Galatiya 2:20)
Kuba Kristo ari muri twebge kandi biduha inkomezi zo kubaho ubuzima bwera: Inkomezi n’ubushobozi bwo kubaho dukurikije inyigisho za Kristo tubikura muri we, kuko ari muri twebge.
« Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo. »(Abanyefeso 3:17)
Hanyuma, kuba Kristo ari muri twebge biduha Ivyizigiro vy’ubwiza: Kristo muri twebge ni garanti y’ivyizigiro vyacu bihoraho.
« Abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza. »(Ab’i Kolosayi 1:27)

2. Twebge muri Kristo:
Kuba muri Kristo bisobanura umutekano n’ivyizigiro vyacu: Kuba muri Kristo bisobanura kurindwa no kwizerwa mu gakiza kacu.
« Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. »(Abaroma 8:1)
Muri Kristo, dufise karangamuntu nshasha nk’abana b’Imana.
« Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »(2 Abakorinto 5:17)

3. Ukunywana kwacu na Kristo kudushoboza gukora ibikorwa vyiza.
Ibimenyetso ntahinyuzwa vyerekana ko turi muri Kristo kandi ko na Kristo ari muri twebge, bigaragarira mu bikorwa vyinshi vyiza dukora.
« Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebge. Nk’ukw ishami ritabasha kwama ubgaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: uguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ataco mubasha gukora mutamfise. »(Yohana 15:4-5)

4. Ukunywana kwacu na Kristo kutuzanira kunywana na Se.
Kuba muri Kristo nikwo kuba no mu Mana kuko Kristo ari mu Mana.
« Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge. »(Yohana 14:20)
Ibi bisigura ko turinzwe cane kuko ubuzima bwacu bwihishe hamwe na Kristo muri Se Imana Data.
« Kuko mwapfuye kandi ubugingo bwanyu bukaba bwarahishanywe na Kristo mu Mana. »(Abakolosayi 3:3)
Inyuma yo kwakira Kristo, ubuzima bwacu ntibuba bugifatiriwe n’ibintu bifatika canke bigaragara vy’isi, ahubwo bushinga imizi mu Mana, biciye muri Kristo.
Bwihishe mu Mana: Ibi bivuga ko ubuzima bwo mu mpwemu burinzwe, bubungabunzwe kandi butekanye mu mubano n’Imana. Uku « kwihisha » bisigura ko dufise umutekano n’amahoro biboneka mu kwunga ubumwe n’Imana biciye muri Yesu Kristo.
Hamwe na Kristo: Mu kwizera Kristo nk’Umukiza, umwizera agira uruhara mu buzima busha Kristo atanga. Ubwo buzima busha burenze ibintu bigaragara kandi vy’isi kugirango bigere ku bintu vyo mw’ijuru.
Indangamuntu yacu n’ubuzima bw’impwemu ntaho biba bigihuriye n’inkurikizi zo mw’isi, ahubwo biba vyihishije mu Mana, mu bucuti bwimbitse kandi budashira na Kristo.

5. Ukunywana kwacu na Kristo kutuzanira kunywana n’abandi bakristo:
Ubumwe bwacu na Kristo butuzanira ubumwe n’abandi bizera bunze ubumwe na We. Baca bahinduka abavukanyi bacu.
« Kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye. Nanje nabahaye ubgiza wampaye, ngo babe umwe, nk’uko natwe tur’ umwe. Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze. »(Yohana 17:21-23)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kumenya kandi no kubasha kwinjira mu bunywanyi bwimbitse nawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *