Bibiliya iduhimiriza kuba abigishwa ba Yesu.
Yesu ubgiwe yabgiye Matayo ati:
« NKURIKIRA. »(Matayo 9: 9)
None twokurikira gute Yesu uno munsi?
Kugira ngo tube abigishwa ba Kristo, hakenewe ibintu bibiri:
Ica mbere, dukwiriye kubanza kumumenya, kumenya imico yiwe n’imigenzo yiwe.
Ica kabiri, dukwiriye kwihatira kwigana ibikorwa vyiwe, imigenzo yiwe n’ubuzima bwiwe.
Ng’iyi imwe mu mico imuranga dukwiriye kugerageza kwigana kugira tube abigishwa biwe:
Umuco mwiza wa mbere w’Umukiza ni UKWICISHA BUGUFI.
Yesu Kristo yicishije bugufi, yemera ko ubugombe bg’Imana buba aribgo butsinda ubgiwe kugira abantu barokoke. Yigishije kwicisha bugufi kandi yicisha bugufi kugira ngo ahimbaze Se.
Reka tubeho twicishije bugufi kuko kwicisha bugufi bizana amahoro, kandi bituma tuba n’abatoni ku Mana:
« Mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu. »(1 Petero 5:5)
Umuco wa kabiri w’Umukiza ni UBUTWARI.
Agifise imyaka cumi n’ibiri, Yesu yerekanye ubutwari bgiwe yegera abigisha amategeko mu rusengero rw’Imana, yicara hagati yabo, « abumva kandi ababaza. »(Luka 2:46)
Reka tugire ubutwari nka Yesu, * »Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda. »*(2 Timoteyo 1:7)
Reka noneho tugire ubutwari bgo gukora igikwiye, n’ubgo kitoba gikunzwe, ubutwari bgo kurengera kwizera kwacu no gukora dufise kwizera, ubutwari bgo kwihana buri munsi, ubutwari bgo kwakira ubugombe bg’Imana no kwumvira amategeko yayo, ubutwari bwo kubaho, kuba intungane no gukora ivyo dutegerezwa gukora muvyo tujejwe bitandukanye.
Umuco wa gatatu w’Umukiza ni UKUBABARIRA.
Mu murimo wiwe wo kur’iyi si, Umukiza yabujije gutera amabuye umugore yari yafashwe asambana. Yamubwiye ati: « Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha. »(Yohana 8:11)
Impano yo kubabarira Umukiza aduha n’ubushobozi bwo kubabarira abantu batugiriye nabi n’ubgo batokwemera uruhara rwabo mu kutugirira nabi.
Kubabarira ni ngombwa kugira tube abigishwa nyabo ba Yesu Kristo.
Umuco wa kane w’Umukiza ni UKWITANGA.
Ukwitanga ni kimwe mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo. Kuri twebge, Umukiza yatanze ikimazi c’ubuzima bgiwe kugira ngo ducungurwe.
Muvy’ukuri, kwitanga bigaragaza urukundo rutanduye. Urwego rw’urukundo dukunda Umwami, kubutumwa bwiza no kuri bagenzi bacu rushobora gupimwa n’ivyo twiteguye kubitangira.
Turashobora kwigomwa umwanya wo gukora umurimo w’ubutumwa bwiza, gukorera abandi, gukora ivyiza, n’ibindi.
Turashobora kandi gutanga uburyo bw’amafaranga mu masengero kugira ngo tugire uruhara mu kwubaka ubgami bw’Imana kw’isi.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe udushoboze kwicisha bugufi, kugira ubutwari, kubabarira no kwitangira ubgami bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA