KUBABARIRA UTABISABWE

Kubabarira n’urufunguruzo rukiza umutima, kare imbere y’uko uwagukomerekeje avyemera. Uko niko vyagenze no kuri Yosefu igihe yahura n’abavukanyi biwe bari baramugurishije. Ntiyabibukije ivyo bari baramukoreye, kandi ntiyashatse kubagirira nabi ngo abihore kubera ivyo bari baramukoreye, ntiyanarindiriye ko bamusaba imbabazi — yari yarababariye kera.
Yarababwiye ati:
« Nta co mutinya… Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza. »(Itanguriro 50:19-20)

Kubabarira utabisabwe ntibisigura gushigikira ikibi, ahubwo n’ukwanka ko kikugumizamwo ububabare.
Iyo turindiriye ko uwadukoreye nabi asaba imbabazi imbere yo kumubabarira, tuba duhaye ibikomere vyacu ububasha bwo kutuganza. Ariko iyo tubabariye kakiri kare, tugarukana amahoro y’imitima.

Imana idusaba kubabarira nk’uko na Yo yatubabariye. Kubabarira kurandura inzigo, kugasenya umugozi w’ukwihora, no gutangura urugendo rwo gukira. N’iyo uwagukomerekeje atabisavye, kubabarira bigufasha gutera imbere udafise imigozi y’ahahise.

IGISABISHO:
Mwami, mpa inguvu zo kubabarira ntarindiriye gusabwa imbabazi. Nkiza mu mutima, umpe amahoro yawe, unkuremwo inzigo n’umubabaro. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *