KUBAHO MU BGENGE N’UBWITONZI

« Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo. »
(Abanyefeso 5:15-17)

Intumwa Paulo aratwibutsa ingene dukwiye kubaho.
Umusi uwariwo wese n’ingabirano y’Imana, ariko dufise amahitamwo yo kuwukoresha neza canke kuwukoresha nabi tukawupfisha ubusa.
Kubera ivyo, Paulo aratwigisha ibintu bitatu vy’ingirakamaro:

1. Kubaho mu Bgenge

Ubuzima burimwo imitego, ugusamara n’inzira mbi zizimiza.
Uwugenda asamara, atabaye maso, ntaho atandukaniye n’ingenzi igendera mu nzira itey’ubgoba, ikajabuka ibarabara itaravye ko har’imodoka iriko irarengana.
Paulo aduhamagarira kuba maso, tugakoresha amaso y’umutima, tukitwararika amajambo tuvuga, amahitamwo tugira, abo tubana nabo n’ivyo twishimira.

Yesu ubwiwe yaduhaye akarorero igihe yanse kugwa mu mutego wa Satani mu bugaragwa (Matayo 4:7).
Umwansi yashaka kumubesha ngo akore ikintu c’ubwibone, ariko Yesu amwishura ati: “Ntuzogerageze Umwami Imana yawe.”
Natwe ntigukwiriye gupfa gufata ingingo tutiyumviriye neza, ahubwo tugendere mu bgenge buva mw’Ijambo ry’Imana.

2. Gucungura Igihe

Igihe ni itunga umuntu adashobora kugura iyo gitakaye.
Benshi barakunda kuvuga bati: “Nzobikora ejo”, yamara ivy’ejo ntawubizi kandi ntawobimenya. Gucungura igihe n’ukugikoresha neza mu rukundo, mu gukorera abandi, mu kubababarira, mu kwamamaza Inkuru Nziza no gukura mu muhamagaro wawe. Umutima umwe wese ukwiriye kugira ico usize mu buzima bw’ibihe bidashira.

Hari igihe haza ibintu bimeze nk’amahirwe, bikatugaragarira neza mu maso — akazi, umubano canke ibintu twokuramwo inyungu.
Vyose birashobora kuvamwo ivyiza nk’uko bishobora no kuba birimwo umutego mu gihe tutabaye maso ngo tubirabe neza. Ni co gituma dutegerezwa kwitonda, tugasenga tukabaza Imana intumbero dukwiriye gufata.

3. Kurondera Ivy’Uhoraho

Si ngombwa kwiruka mu nzira zose, ahubwo dukwiriye kwiruka mu nzira nziza.
Gutahura ivy’Uhoraho n’ukurondera mu maso hiwe mu masengesho, mw’Ijambo ryiwe no mu kuyoborwa na Mpwemu Yera. Uwugendeye mu bugombe bw’Imana ntaba mu kavuyo, ahubwo aba mu mahoro n’ukwizigira.

Yesaya 11:2-3 haratwibutsa ko Mpwemu w’Imana ari “Mpwemu w’ubwenge n’ubumenyi.”
Ubwenge bw’Imana buruta ibigaragarira amaso, kandi budufasha gutandukanya ukuri n’ikinyoma.
Kandi akenshi amahoro yo mu mutima ni ikimenyetso c’ukuyoborwa n’Imana.
Iyo ayo mahoro abuze, ntihakagire uwugusunikira gufata ingingo izokuzanira ivyo uzokwicuza.

Akarorero

Umunyeshiri w’umunyabgenge agena igihe ciwe neza kugira atsinde ibizame, mu gihe uwutabona kure agitesha umwanya mu bidafise umumaro.
Mu buryo bumwe, uwizera ucungura igihe buri munsi afata amahirwe yo gukura mu buryo bw’impwemu, gukunda no kubiba ibizohoraho.

IGISABISHO:

Mwami, nyigisha kubaho mu bgenge, gucungura igihe no kurondera ubugombe bwawe muri vyose.
Nkundisha kugendera kure ivyemezo vy’ubupfu, unyuzuze Mpwemu wawe w’ubgenge n’ubumenyi.
Mpa amahoro agenga amahitamwo yanje, kandi ubuzima bwanje bukubere icubahiro buri munsi.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo Umwami n’Umukiza wanje ndabisavye, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *