Ubwoba bukunda kwinjira no kuba mu mitima y’abakiristo batazi canke bibagiye abo ari bo, mu maso y’Imana.
Kutamenya agaciro dufise muri Kristo vyugururira irembo uguhagarika umutima, ukwihebura n’ubwoba.
Ariko abazi abo bari bo muri Kristo bavugana ukwizera bati:
« Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde? »(Abaroma 8:31)
Nibaza ko kenshi twebwe nyene tutama turi ku ruhande rw’Imana. Hari n’igihe tuyibagira, tukayisuzugura, canke tukayigira kure.
Ariko Imana yo ntihagarika na rimwe kuba ku ruhande rwacu.
Turayihakana, ariko yo ntiyotwihakana.
Turayita, ariko yo ntishobora kuduta.
N’Imana y’ukuri, iguma ari iyo kwizigirwa.
Mu bihe vyose, haba mu ngorane canke mu kaga, iyo tuzi neza ko Imana idukunda kandi ko idahobora kuduheba, nta bwoba buba bukwiriye kutwigarurira.
Erega Imana yatanze ico yakunda kurusha ibindi vyose—Umwana wayo w’ikinege—kubera urukundo idufitiye.
Ivyanditswe bivuga biti:
« Kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu. »(1 Ab’iKorinto 6:20)
Niba turi ab’agaciro ku rugero rw’uko twaguzwe amaraso ya Yesu Kristo, dushobora kwizigira ko ataco dukwiriye gutinya, kuko turi mu maboko y’Imana.
Iyo yadukunze gutyo ntishobora kuduheba ngo dusigare mu bwoba.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhishurire ukuri ko uri kumwe natwe kandi ko 6uri ku ruhande rwacu.
Tugirire ubuntu bwo kubona urukundo rwawe, kugira tubashe gutsinda ubwoba.
Tubisavye mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo. Amen.
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA