Mu Banyakorinti, iya 2:12–17, intumwa Pawulo aratwereka umutima wiwe.
Umuryango wari wamwugururiwe i Troasi ku bw’Ubutumwa Bwiza, ariko umutima wiwe ntiwari ufise amahoro kuko atari yabonye Tito.
Ivyo bitwigisha ukuri kw’ingenzi: gukorera Imana ntibidukuraho ubumuntu bwacu. Dushobora kuba duhamagawe kandi dukoreshejwe n’Imana, ariko tukagira ibihe vy’ukutekana k’umutima.
Ariko aho kuguma yibanda ku gahinda kiwe, Pawulo araraba hejuru akavuga ati:
“Imana ishimwe, Yo ihora iduha gutsinda muri Kristu.”
Iyo ntsinzi ntisobanura ubuzima butagira ingorane.
Bisobanura ko, uko ibintu vyoba bimeze kose, Imana idukoresha mu gukwiragiza hose agahumuro k’ukumumenya.
Umukristo ameze nk’agahumuro keza: ntavuga igihe cose, ariko ubuzima bwiwe buragira ico busohora.
Ingeso zacu, ukugororoka kwacu, urukundo rwacu, n’ingene tubaho—ivyo vyose biramenyesha Kristo.
Pawulo mbere avuga ko turi agahumuro keza ka Kristo imbere y’Imana.
Ubuzima bwacu bushobora kwibutsa abandi Yesu.
Ariko ako gahumuro ntigakorera bose kumwe:
kuri bamwe gatanga ubuzima,
ku bandi kagaragaza ukwanka kwabo.
Ubutumwa buguma ari bumwe, ariko imitima y’abantu iritaba mu buryo butandukanye.
Imbere y’iyo nshingano iremereye, Pawulo aravuga ati:
“Ni nde abikwiriye?”
Ni nde ashobora guserukira Kristo neza?
Ni nde ashobora kwikorera ubutumwa buremereye gutyo?
Inyishu iza ako kanya:
“Mtitumeze nk’abandi benshi bagenda barisha Ijambo ry’Imana…”
Aha ni ho hari ishingiro. Agahumuro ka Kristo mu buzima bwacu gaturuka ku butumwa butagoretswe dutwara.
Kugoretsa Ijambo si ukubesha gusa.
Ni ukuhinyanyura ubutumwa:
kugabanya ivyari bikwiye gukosora,
guhisha ivyobabaza,
kwongeramwo ivyiyumviro vy’abantu,
kurikoresha ku nyungu zacu,
canke gushaka guhimbara abantu kurusha Imana.
Pawulo avuga ati: si nk’abandi benshi.
Avuga abikuye ku mutima utaryarya,
abikuye ku Mana,
avugira imbere y’Imana.
Yibona ko ari imbere y’amaso y’Imana, si imbere y’amashimwe y’abantu. Ivyo ni vyo bituma ubutumwa buguma butagoretswe.
Akamoto kavanzwe gatakaza uburyohe bwako.
Ubutumwa Bwiza buvangiyemwo ivy’abantu butakaza ububasha bwabwo.
Intsinzi nyakuri si kuba uzwi, ni ukuba umwizigirwa. Imana ntirondera amajwi akomeye gusa, irondera imitima itaryarya ishikiriza Ijambo ryayo uko ryatanzwe.
Iyo Ijambo rigumye ritagoretswe, Kristo ariyumvikanisha.
Iyo ryahinyanyuwe, ni umuntu yiyumvikanisha.
Duhamagarirwa gukwiragiza Kristo — ariko tubitse Ijambo ryiwe ritagoretswe.
—
Isengesho
Mwami, mpa umutima utaryarya.
Undinde guhindura Ijambo ryawe kugira ngo mpimbare abantu.
Unyigishe kuvuga nk’uwutumwa nawe no kubaho nkiri imbere y’amaso yawe.
Ubuzima bwanje bukwiragize akamoto nyakuri ka Kristo,
kandi mboneke ko ndi umwizigirwa ku Butumwa bwawe.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
