Hari ukuri kw’impwemu dukunda kwibagira: uburyo tubayeho uno musi ni bwo Imana izokoresha ejo.
Rimwe na rimwe turakora ivyiza, tugafasha, tugaharira, tugakunda vy’ukuri… ariko ntihagire uwubibona.
Hari n’igihe abo twafashije batwibagira.
Ivyo birashobora gutuma ducika intege.
Ariko Ijambo ry’Imana riraduhumuriza riti:
“Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwatunga abera, na none mukibatunze.” (Abaheburayo 6:10)
Abantu baribagira,
igihe kirahindura vyinshi,
ariko Imana ntiyibagira ivyiza vyakozwe.
Igikorwa cose ciza, ijambo ryose ry’urukundo, igikorwa cose c’amahoro, Imana irabibika.
Gukora ivyiza ni ukubiba imbuto.
Imbuto ntimera uwo musi nyene ibibwe. Iramara igihe itaboneka mw’ivu, icecetse… ariko iba iriho. Hanyuma umusi umwe iramera ikama.
Ni ko vyagendekeye Moridekayi. Yarakijije umwami, ariko ntiyaciye ahabwa icubahiro. Ariko igihe c’Imana gishitse, ico gikorwa caributswe, kiba umuryango w’iteka ryiwe (Esteri 6).
Ivyiza yakoze vyasa n’ivyibagiwe, ariko vyari birindiriye igihe c’Imana.
Intahe nziza ikora no mu mitima y’abantu.
Imana irashobora gukora ku mutima w’umuntu, akamwibutsa ico wamukoreye, akavuga ati:
“Uyu muntu yarangiriye neza.”
Intahe yawe ikakuvugira, mbere nawe atariho uri.
Uko kwibukwa gushobora guhinduka isoko ry’umugisha, ukurindwa canke ubuntu.
Intahe nziza ikora ku mitima, kuko Imana ifise uburyo budasanzwe bwo gukora.
Dawidi yarabibonye.
N’aho Sauli yamwanka, Dawidi yanse kumugirira nabi. Hanyuma Sauli ubwiwe aravuga ati:
“Uri umugororotsi kundusha; kuko wangiriye neza, nanje nkakugirira nabi.” (1 Samweli 24:17).
Ugutungana kwa Dawidi kwakoze ku mutima wiwe(Sauli).
Intahe nziza irashobora no guhindura umutima w’umwansi.
Nuko rero dukomeze gukora ivyiza no mu mpisho, tugumane umutima ugororotse n’iyo batodushima, kandi twanke ko ububi bw’abandi buduhindura.
Umusi umwe tuzokenera umuryango, kandi Imana izokoresha intahe yacu mu kuwutwugururira.
Intahe nziza ntitakara: n’ijwi ritavuga uno musi, ariko rizoba rikomeye ejo.
IGISABISHO:
Mwami Mana, mpa umutima ukunda gukora ivyiza no mu mpisho.
Mfasha kubaho ubuzima bunshingira intahe nziza.
Kandi igihe nzokenera gutabarwa, uze wibuke ivyiza nabivye, ukore ku mitima, intahe yanje imvugire.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
