Muri Tobiya 5:11–12, Tobiti abaza umugabo ashaka guherekeza umwana wiwe ati:
«Ukomoka mu wuhe muryango, uri uwo mu buhe bwoko?»
Uwo mugabo na we arishura ati:
«Kumenya umuryango nkomokamwo bikumarir’iki?»
Muri ico gihe, umenye ubwoko bw’umuntu vyatuma umenya amateka yiwabo, imico yiwe, ingeso ziwe, n’uko akwiriye kugirirwa icizere canke atabikwiriye.
Ikibazo ca Tobiti cari ico kwitwararika, kuko yashaka kurinda umwana wiwe.
Ariko inyishu y’uwo mugabo — ari we mumarayika Rafayeli — irerekana ukuri gukomeye: ivyo Imana itegurira umuntu ntibishingira ku bwoko bwiwe.
Igihe Yesu Kristo yaza, iryo banga ryagiye rirushiriza kwaka. Ubutumwa bwiza buvuga buti:
«Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.»(Ab’i Galatiya 3:28)
Ubumwe bwacu nyakuri ntibukiva mu maraso, ariko buva mu kuvuka ubwa kabiri.
Kwigirira icizere ntibikiva ku bwoko, ahubwo bishingiye ku:
-kugororoka,
-gutinya Imana,
-rukundo,
-no ku gukurikiza Ijambo.
Kushika n’ubu, abantu benshi baracafatiwe amaboko imugongo n’amacakubiri y’amoko n’imiryago.
Ariko inyishu ya Rafayeli iraca hagati y’ivyo vyose:
«Kumenya umuryango nkomokamwo bikumarir’iki?»
Noneho, muri Kristo, ubwoko ntibukivuga ico umuntu ari.
Ubwami bw’Imana nta mbibe bufise, kandi abana b’Imana ntibatandukanywa n’ubwoko.
Duhamagariwe kugira ubwenge mu guhitamwo…
Ariko dutange urukundo rutagira imbibe.
Kuko muri Kristu, turi abavukana.
IGISABISHO:
Mwami, mfasha kubona hakurya y’ubwoko n’imiryango.
Nsubizamwo urukundo ruhuza n’ukwizera kurenga imbibe zose.
Mpfasha mbe igikoresho c’amahoro n’ubumwe.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
