KWANKA KWIHANA ICAHA, N’UGUSHIGIKIRA SATANI

Gukora ikibi n’ugucumura.
Ariko kwanka kwemera ko wacumuye n’uguhitamwo kwibera mu mwiza.

Muri Bibiliya, Satani ntiyakoze icaha gusa, yarigize n’uwubesha abantu akabakwegera mu vyaha, uwugumura, n’uwuriganya.

Uwuhisha icaha ciwe canke akagerageza kwihagararako mu caha, aba asangiye ikinyoma na Satani se waco (Yohani 8:44).

Imana ibabarira uwakoze icaha iyo acihanye kandi akiyemeza kugiheba (Imigani 28:13).
Ariko uwugihisha, aba yugaye umuryango w’ubuntu bw’Imana, aba ashimye gushigikira ikibi.

Kwanka kwemera icaha n’ukwanka umuco.
Yesu yavuze ati:
« Ukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. »(Yohana 3:20)

Guhisha icaha n’ukubaho mu bugambarazi, n’ukwanka ijwi rya Mpwemu Yera(Yohana 16:8) asanzwe atwemeza ko twacumuye, n’ukwihakana igikorwa ca Kristo co gucumgura abantu.

« Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose. »(1 Yohana 1:9)

Ariko:

« Upfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha,
Arik’ uvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe. »(Imigani 28:13)

Imana iraguhamagarira mu muco no mu kuri, mu kwihana kw’ukuri.
Kuvyanka, ni nko kwifatanya na Satani, naho woba utavyatuye ngo uvyemere.

Ku bw’ugukomezanya kw’abera,
Apôtre Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *