Woba wacumuye?
Ntaco bitwaye, nimba wacumuye, ibuka ko Imana ari iyo kwizigirwa kandi ikubabarira ivyaha vyawe kandi ikagukurako ivyo wagirizwa vyose.
Garuka kuri Yo, hindukira ureke ingeso mbi zawe, hanyuma wakire imbabazi zayo.
« Enda ni muze, twitature, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi ; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero. »(Yesaya 1:18)
Satani atwagiriza yifuza ko umutimanama wawe uguma uhungabanye kandi uhora wiyagiriza kubera ivyaha vyawe ndetse n’ivyo wihanye.
Ico ishaka n’ukukugumiza mu buja bw’ubwoba n’icaha.
Yamara, Imana ubwayo, yo Mucamanza Mukuru irakwizeza ko n’ubwo ivyaha vyawe vyoba ari bikomeye gute (n’iyo vyoba bitukura tukutuku), uhisemwo kwihana, bica vyera derere nka shelegi.
None ico caha kikubuza amahoro n’ikihe?
Kibwire Imana, ucihane kandi uce icibagira, kuko Imana nayo ubwayo ica icibagira inyuma yo kukubabarira.
Imana ubwayo ikubwira iti:
« Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi. »(Yesaya 43:25)
Gir’amahoro!
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira kwumva twiyagiriza ivyaha tumaze kwihana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA