KWIGUMYA

Kwigumya ni kimwe mu bintu bihambaye buri muntu akeneye kugira atsinde mu buzima kandi ahimbare Imana. Ng’izi ingingo zitanu zihambaye zerekeye aho dukwiriye kugaragariza ukwigumya kwacu:

1. Amaganya
Kwiganyira bikuraho icifuzo co gukora ivyo dukwiriye gukora kandi bidukurako n’umunezero.
« Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana… »(Ab’i Filipi 4:6)

2. Ubwoba
Ubwoba ntibuturuka ku Mana! Bukomoka ku mwansi ariko Imana yaduhaye umwuka w’ubushobozi bwo kubuganza.
« Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi… »(2 Timoteyo 1:7)

3. Uburake
Nitutifata, uburake buzotuyobora gukora amabi no kudakora ivyo Imana ishaka.
« Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro. »(Abanyefeso 4: 26-27)

4. Ibihendamaso(ibitugerageza)
Ibihendamaso canke ibitugerageza bitandukanye bigamije kutuyobora mu vyaha. Ijambo ry’Imana ridusaba kubitsinda.
« Mwana wanje, abanyavyaha ni bakwosha ntukemere. »(Imigani 1:10)

5. Inzika
Inzika twabitse mu mitima yacu iradusenya. Ariko tumenye ko inzika ari uburozi mu buzima bwacu kuko Utara munda ugatarura ibiboze.
« … ni haba har’ ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. »(Mariko 11:25)

Nitwashobora kwigumya mu maganya yacu, tugatsinda ubwoba, tukarengera ibihendamaso vyose bitugerageza, tukanatsinda inzika yacu, bizotworohera gukora ubugombe bw’Imana no guhimbara Imana.
Imana idufashe idushoboze kwigumya.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *