“Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13)
Igihe Yesu yabwira abigishwa biwe ivy’ibihe vya nyuma, ntiyabivuze kugira ngo abatere ubwoba, ahubwo yashaka kubakangurira kuba maso no gukomeza ukwizera kwabo. Yashaka kubamenyesha ko ibihe bigoye atari ikimenyetso c’uko Imana yabahevye, ahubwo ko ari umwanya wo kugaragaza ukwizera no kwihangana.
Muri iki cigwa, Umwami avuga isi yuzuye intambara, inzara, imiyaga, ibinyoma, urwanko n’ubusambanyi.
Ariko Yesu yavuze ati:
“Ivyo vyose bitegerezwa kuba.”
Ni igice c’umugambi w’Imana uri mu nzira yo kuranguka.
Ariko hagati y’ivyo bidusamaza vyose, hari ijambo rihumuriza: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.”
Kwihangana s’ukwicara urindiriye, ahubwo n’ukuguma uri umwizigirwa naho ibintu bigoye.
N’ugukomeza kwizera igihe vyose bisa n’ivyadidimye.
N’ugukomeza gukunda n’igihe urukundo rw’abandi rwakonje.
N’uguhagarara ku kuri igihe abahanuzi b’ibinyoma bayobya benshi.
Umwigishwa w’ukuri ntamenyekana ku kuntu atangura kugaragara, ariko amenyekanira ku kuntu aguma ari intahemuka gushika ku mpera.
Benshi batangura neza, ariko bagacika intege mu bigeragezo. Ariko Umwami arondera imitima iguma yizigira naho ibintu bigoye.
Kwihangana s’inguvu z’umuntu, ahubwo ni ubuntu bw’Imana buhabwa abayishimikizako.
Igihe ibintu bigoye, fata kw’Ijambo ryayo, usenge udacika intege, kandi uhange amaso Yesu, “ni we nyanduruko yo kwizera kwacu” (Abaheburayo 12:2). Ni We atanga imbaraga, ihumure n’ubushobozi bwo kuguma ku Mana gushika ku mpera.
Ukuri ni uku: agakiza n’ak’abatarekura ukuboko kw’Umwami.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, mu gihe urukundo rw’abantu benshi rwakonje, mpa inguvu zo kwihangana gushika kw’iherezo.
Igihe ibigeragezo binkomereye,
unyibutse ko Wewe uri uwo kwizigirwa kandi ko amasezerano yawe atagira amakenga.
Subiza umuriro w’urukundo rwawe mu mutima wanje, unshikame mu kuri kw’Ijambo ryawe.
Nshaka kugumana nawe, gushika aho nzobonera mu maso hawe
n’aho nzokwinjirira mu bwami bwawe buhoraho.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
