KWIMENYA

Ivyanditswe bifise vyinshi bivuga ku bijanye no kwimenya.

Mu b’i Korinto ba kabiri 13:5 hagira hati:
“Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwiraba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge?-shiti kumbure mur’ abahinyuwe!”

Dawidi yar’azi neza ko Imana iyobora ubuzima bgiwe, kandi yari afise ukwizera ko Imana izomukiza mu magume ar’imbere(1Samweli 17:37). Nico catumye adatinya Goliyati.
Nitwaba natwe tuzi ko Yesu Kristo ari muri twebge, ntaco dukwiye gutinya.
Igihe Pawulo yahiga abakristo, Yesu yaramubwiye ati: “Sauli, Sauli, umpigira iki?”
Aramubaza ati “Uri nde ga Mwami?”
Na we ati “Ni jewe Yesu, uwo urik’urahiga.”(Ivyakozwe n’Intumwa 9:4-5)
Yesu ntiyavuze ati, « uhigir’iki abo bakristo canke ubwo bwoko bwanje? », yavuze ati « umpigira iki? », ati kandi « Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahiga. » kuko iyo ukoze ku mwana w’Imana, uba ukoze kuri Yesu ubgiwe.
Reka rero twimenye, dutahure ko kubera Kristo ari muri twebge, abadutera canke abaturwanya baba bariko batera canke barwanya Yesu ubgiwe kuva tubaye abana b’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kumenya ko turinzwe kuko Yesu ari muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *