KWITUKUZA N’UKUNEGURA IMANA

Muri iki gihe, abantu benshi, baba abagabo canke abagore, basigaye bishora mu bintu vyo kwitukuza kugira ngo bahindure ibara risanzwe ry’umubiri wabo, babe inzobe. Ivyo bimaze gukwira muri Afrika nka hose.

Kwitukuza ku mubiri nico kiba kiraje ishinga abantu bose batishimiye uko Imana yabaremye. Kugira ngo ivyo bigerweho, ababikora bakoresha ibintu vyinshi, nk’amavuta, inshinge, ndetse rimwe na rimwe n’imiti itemewe n’ubajejwe ivy’amagara y’abantu, kandi kenshi bibagirako inkurikizi mbi ku magara yabo.

N’aho abitukuza bataba bishimiye uko bavutse basa, Imana yo idukunda uko turi kuko niyo muremyi w’ibara ry’umubiri wa buri muntu.
« Nukw Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’ uburyo bubiri. »(Itanguriro 1:27)
Ni vyiza rero kumenya ko, uko umubiri w’umuntu woba umeze kwose, Imana yo muremyi, irahimbarwa n’ivyo yaremye nk’uko vyanditswe ngo « Imana ibona kw’ari vyiza. »(Itanguriro 1:10)

Kwitukuza rero si ukutemera gusa ubwiza umuntu yahawe n’Imana, ahubwo ni no kunegura umuremyi, we aha abana biwe itandukaniro ry’umubiri akurikije ubugombe bwiwe.
Nyabuna, reka dukunde uko turi, nk’uko Imana idukunda.
« Ndirabura, ariko ndi mwiza, Mwa bakobga b’i Yerusalemu; Mmeze nk’amahema y’i Kedari, Nk’imikingo ya Salomo. »(Indirimbo 1:5)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutigera tuvuguruza cyangwa tunegura ivyo wakoze mu kurema.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *