KWUZURA N’ABANTU BOSE

Bibiliya igira iti:
« Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’ abantu bose. »(Abaroma 12:18)

Muvy’ukuri, ntivyoroshe kwuzura n’abantu bose, kuko hariho abantu basanzwe bagoye canke badashobotse, ariko « mu ruhande rwacu », dukwiriye kugerageza cane kubana mu mahoro n’abantu bose.

Mu bisanzwe, turakeneye amahoro twebge nyene ubgacu kubg’impamvu nyinshi zikomeye:

1. Amagara yo mu mutwe: Amahoro y’imbere agabanya kugira impagarara(stress), guhungabana(anxiété) no kwumva ubgoba canke uburake. Ibi bigira uruhara mu magara meza yo mu mutwe, bigafasha umuntu guhora atunganiwe kandi anyuzwe.

2. Amagara y’umubiri: Kutagira impagarara no guhungabana bigirira neza amagara y’umubiri. Bituma umuntu ahora akomeye, atagwaragurika, agira umuvuduko mwiza w’amaraso kandi bigabanya n’ivyago vyo kugwara ingwara zidakira.

3. Umubano wacu n’abandi: Amahoro y’imbere ateza imbere umubano mwiza kandi wuzuye. Umuntu afise amahoro muri we, akunda kwihangana, gutega amatwi abandi, no kubatahura, ivyo navyo bishimangira ubumwe n’abandi.

4. Umwimbu wacu n’ubuhinga bgacu: Iyo umuntu afise amahoro mu mutima biramworohera cane gutorera umuti ibibazo biza bimugana, kandi bituma aterimbere mu kurondera ubuhinga butuma yiteza imbere akagira umwimbu mwinshi.

5. Iterambere ryacu bwite: Amahoro y’imbere afasha umuntu kwisubirako kugirango ahuze akarangamutima kiwe n’imigambi yiwe. Ibi biganisha ku kwumva ko hari ivyo yagezeko no gukura mu Mpwemu.

6. Kwihangana kwacu: Amahoro y’imbere atwongerera inkomezi zo guhangana n’ibibazo vy’ubuzima. Bifasha gukemura ibibazo umuntu afitse intego nziza no gusubira inyuma inyuma y’ibibazo, bityo bigashimangira ubushobozi bwo gutsinda inzitizi.

Muri make, kubana mu mahoro na bose, n’inyungu yacu kugira ngo ubuzima bgacu muri rusangi bube bwiza. Reka noneho tube abanyamahoro muri vyose na hose.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora duha agaciro kurondera no gusasagaza amahoro muri vyose na hose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *