Ikigoyi kitaratera muri Egiputa, Yosefu yavyaranye abahungu babiri na Asenati mwene Potifera umuherezi wo mu gisagara Oni.
« Yosefu uw’ imfura amwita Manase, ati Kukw Imana yanyibagije ubutame bganje bgose n’abo mu nzu ya data bose. Uwa kabiri amwita Efurayimu w, ati Kukw Imana yampaye kurondokera mu gihugu nagorewemwo.(Itanguriro 41:51-52)
Manase na Efurayimu ni amazina abiri y’igiheburayo asobanura imigisha ibiri y’ingirakamaro mu buzima bwa buri muntu.
Manase mu giheburayo מנשה, Menasheh, bisobanura « Imana yanyibagije ubutame bganje bgose ».
Mw’ijuru, hariho imigisha ishobora gutuma twibagira ubutame bgose.
Yosefu yari ahejeje kuronka umugisha wamwibagije canke watummye arengera ububabare bwose abavukanyi biwe bamuteye, ivyamubayeko kwa Potifari n’ugufungwa kwiwe azira ubusa.
Efurayimu mu giheburayo אפרים, bisobanura « Nzokwera ivyamwa. »
Kuri iryo zina rya Efurayimu, Yozefu yavuze ko azorondoka, akera ivyamwa vyinshi kandi agahumurizwa muri iki gihugu yaboneyemwo imibabaro.
Nkako, umuryango wa Efurayimu wageze ku gisekuru ca gatatu imbere y’urupfu rwa Yosefu (Itanguriro 50:23). Shuthela, Bekeri na Tahani ni abahungu batatu ba Efurayimu bavukiye mu Misiri.
Ukurondoka(arikwo kwera ivyamwa vyinshi) rero n’umugisha uturuka ku Mana uduha umunezero hagati y’abadusuzugura canke batubabaza.
Natwe turakeneye iyo migisha ituma twibagira akababaro kacu kose kandi ikadushoboza kwera ivyamwa no kuduzwa hagati y’abatwanka kandi badusuzugura.
Imana iduhe Manase na Efurayimu yacu.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhunde imigisha nk’uko wayihaye umuntu wawe Yosefu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA