MBEGA IBIKORWA VYACU BIRADUSHINGIRA INTAHE ?

Igihe Yesu yariko yigendagendera mu rusengero mw ibaraza rya Salomo, Abayuda baramukikije baramubaza bati:
« Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere. »(Yohana 10:24)

Yesu yabasubije ati:
« Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. »(Yohana 10:25)

Amajambo ya Yesu ntiyari ahagije kugira ngo abayuda bamwizere, ibikorwa vyiwe nivyo vyababereye intahe.
Ni cokimwe kuri twebge, kuvuga ijambo ry’Imana ntibikwiriye kugira abantu bamenye ko turi aba Kristo, dukwiriye kubigaragaza mu bikorwa dukora.
None ibikorwa vyacu biradushingir’intahe ko turi aba Kristo?

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze dushingir’intahe ko turi aba Yesu Kristo umwana wawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *