MBEGA WUBAKITSE GUTE ?

Yerusalemu, wari umurwa mukuru wa politike wa Isiraheri, ni ho hari urusengero rukuru, kandi ni naho abami baba.
Abahora baharaba bariko barahaduga baja gusenga, barashima baravye ukuntu hubakitse mu buryo bukomeye. Nico gituma bahora baririmba bavuga bati:

« Yerusalemu, wubatswe Nk’igisagara c’icomeke. »(Zaburi 122:3)

Nk’uko baraba uko Yerusalemu yubakitse mu buryo bukomeye bakayishima, niko abantu baraba umu Kristo bagashobora kumushima iyo babonye ko imyitwarire yiwe ishingira intahe ukwemera kwiwe.
None weho uwokuraba yoshobora kubona ko imyitwarire yawe yunze ubumwe n’ukwemera kwawe?
Nivyaba vyunze ubumwe mu kukwubaka, birashimisha abaturaba kandi biberera ivyamwa vyiza.
Ariko kenshi, imyitwarire yacu ntishingira intahe nziza ubukristo bgacu. Ico gihe duteza urujijo canke dutsitaza abantu benshi baturaba.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze guhora dushingira intahe ukwemera kwacu mu myitwarire yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
Https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *