MPWEMU YERA ABA HE ?

Iyo abakristo benshi basenga canke baririmba bavuga bati: « Ingo Mpwemu Yera! », Baba berekanye ko batazi aho (Mpwemu Yera) aba.

Mw’Isezerano rya Kera, abantu b’Imana, abahanuzi, barashobora gusaba Imana kubarungikira Mpwemu Yera kugira aze kubafasha, kubayobora, canke gukora ibikorwa bihambaye kandi bidasanzwe.
« Urungika impwemu yawe, bikaremwa; Uhindura isi, igasubira itoto. »(Zaburi 104:30)
Muvy’ukuri, rimwe na rimwe Mpwemu w’Imana yarabazako bakaririmba nka Dawidi.
Ariko kandi, hari n’igihe atabazako.
Hanyuma, Imana ibasezeranya kubarungikira Mpwemu wayo guhindura imitima y’abisiraheli, abafasha gukurikiza amategeko yayo.
« Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabgirizwa yanje, muyashitse. »(Ezekiyeli 36:27)

Mw’Isezerano Rishasha, ibintu vyarahindutse, Mpwemu Yera yaje kuba muri twebge.
Bibiliya itubwira ko turi ingoro za Mpwemu Yera.
« Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza. »(1 Ab’i Korinto 6:19)
Ibi bisigura ko tudakwiriye gusenga canke kuririmba tuvuga duti « Ingo Mpwemu Yera ».

Muvy’ukuri, imbere yo gusubira mw’ijuru kwa Se, Yesu Kristo yatwemereye kuturungikira Mpwemu Yera. Yavuze ati:
« Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira. »(Yohana 16:7)
Aho Yesu yariko arashimangira ko kugenda kwiwe vyari ngombwa kugira ngo Mpwemu Yera aze.
Yavuze kandi ati:
« Nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge. »(Yohana 14:16-17)
Mpwemu Yera twamuhawe rero kugira ngo agumane natwe ibihe bidashira.
Uyu munsi, ntidukwiriye kuba tuvuga ngo « Mpwemu Yera urihe? »
Ari kumwe natwe, aba muri twebge kandi « ibihe bidashira ».

Kuva twakiriye Kristo nk’Umwami n’Umukiza wacu, yatugize ivyaremwe bisha.
Ivya kera vyarashize, twavyawe n’amazi n’impwemu.
Mpwemu Yera yaje kuba muri twebge ubuzima budashira, n’ukuvuga ko kuva Mpwemu Yera aje kuba muri twebge, ntasubira kutuvamwo, tuguma twibanira, haba mu bihe bibi canke bigoye, uko vyoba bimeze kwose, ahorana natwe ibihe vyose.

IGISABISHO:
Uhoraho, Mwami Mana yacu, duhe kumenya ko Mpwemu Yera yibera muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *