Rimwe mu majambo azwi cane ya Yesu turisanga muri Matayo 7:12.
Rirazwi cane kuburyo benshi barihaye izina. Yitwa « Itegeko rya Zahabu. »
Reka turabe uko rimeze.
« Ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana. »(Matayo 7:12)
Hari ukundi kuntu iri jambo ryari risanzwe rizwi. Iri jambo ryari risanzwe rivugwa mu buryo bukurikira: « Ivyo mutagomba ko babagirira, ntimukabigirire abandi. »
Hariho, ariko, itandukaniro rikomeye hagati y’Itegeko rya Zahabu n’ubwo buryo bundi.
Inyigisho za Yesu zidusaba « gukora ikintu ».
Iyi nteruro yindi nayo ikadusaba « kwirinda gukora ikintu ».
Ariko inzira nini cane irindiriye umukristo, « s’ukwirinda gukora ikibi gusa », ahubwo, « n’ugukora ivyiza vyose bishoboka » nk’uko Yesu abidusaba.
Ubuzima bwa gikristo buduhimiriza gufata iyambere mu gukora ivyiza.
Rero, iri tegeko rya zahabu ritwigisha ko dukwiye ahubwo kwifuriza no gukorera abandi ivyiza vyose twifuza ko bodukorera kandi tukarinda abandi ibibi vyose tutifuza ko batugirira.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubgenge n’ubutwari bwo guhora dukorera abandi ivyo twifuza ko bodukorera kandi tubarinda ivyo tutifuza ko bodukorera.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA