MUGUMYE IVYIZA

Ijambo ry’Imana ridusaba kugerageza ivyo twumva vyose n’ivyo tubona vyose, kugira tugumyemwo ivyiza gusa.

« Mugerageze vyose, mugumye ivyiza, mwirinde icitwa ikibi cose. »(1 Ab’i Tesalonike 5:21-22)

Twumva vyinshi bibi na vyiza, kandi n’ivyo tubona ni vyinshi, harimwo bibi, hakabamwo na vyiza.
Mur’ivyo vyose, dukwiriye gutoramwo vyiza gusa bikaba arivyo tugumya.
Kugumya ivyiza nikwo kwirinda icitwa ikibi cose, mu buryo ubwo aribwo bwose, kubera y’uko ikibi kitwica mu mutwe no mu mutima kandi kikatwicira n’umubano wacu n’abandi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubgenge bgo kugerageza ibintu vyose no kugumya ivyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *