«Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira. Bana bato, mwirinde ibigirwamana.»
(1 Yohana 5:20-21)
Intumwa Yohani asoza ibaruwa ryiwe yibutsa ukuri kw’ihangiro: Yesu Kristo ni we Mana y’ukuri n’ubugingo buhoraho.
Ni muri We wenyene tubonamwo agakiza, ukuri n’ubuzima bwuzuye.
Ariko aca yongerako iri bwirizwa:
«Bana bato, mwirinde ibigirwamana.»
Kubera iki?
N’uko ikintu cose gisubirira Kristo mu mutima wacu kiba ikigirwamana.
Muri kino gihe, ibigirwamana s’ibishushanyo vy’ibibumbano vyerekanwa gusa.
Bishobora gufata ishusho y’ibihishije, bikagaragara mu buryo bw’iki gihe: urukundo rwinshi rw’amafaranga, kwironderera icubahiro, gukunda ivy’isi, kwibona, canke n’imigenderanire kanaka iyo isumba Imana mu buzima bwawe.
Nk’akarorero:
•Iyo telefone canke imbuga ngurukanabumenyi bigutwara umwanya wose, ukabura uw’amasengesho n’Ijambo ry’Imana, iba ibaye ikigirwamana cawe.
•Iyo amafaranga n’akazi bibaye ikintu ca mbere, ukibagira Imana n’umuryango, biba bibaye ibigirwamana vyawe.
•Iyo umuntu (umugabo, umugore, incuti, umwana, umuyobozi wawe) aba imbere yawe kurusha Imana, aba ari ikigirwamana cawe.
•Iyo urondera ivy’isi—ibirori, imideli, kwemerwa n’abantu—kandi vyose bigasumba Kristo, biba ari ibigirwamana vyawe.
•N’ubwibone, ivyiyumviro vyawe, canke ugushaka kwawe, bishobora kuba ibigirwamana igihe bisubiriye kwumvira Imana.
Yohani aratwibutsa ko ukuri nyakuri ari Yesu.
Ikindi cose cizewe kurusha We, ni ibinyoma.
Iyo twishingira ku kindi kiruta We, turagwa mu ngorane y’ukwubaha ibigirwamana.
Kwirinda ibigirwamana n’ugukingira umutima wawe, ntihagire ikintu cisubirira Imana.
N’uguhitamwo kuvuga uti: «Mwami, nta kintu canke umuntu n’umwe azosumba wewe mu buzima bwanje.»
Inkuru nziza:
Yesu yaje kuduha ubwenge bwo kumenya no kwirinda imitego.
Ni muri We wenyene dusangamwo ukuri, amahoro n’ubugingo buhoraho.
Ntiduhe akaryo ikintu canke umuntu ko kutwiba ivy’uko kuri mu buzima bwacu.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, mpa amaso yo kubona ibigirwamana vyihishije mu buzima bwanje. Mfasha kubiheba no kugukunda n’umutima wanje wose, n’ubwenge bwanje bwose, n’inguvu zanje zose. Ni Wewe nyene uri Imana y’ukuri. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA