NDAZI UWO NDI

Nta kintu kibi cane mu buzima bg’umukristo kiruta kutamenya uwo ari muri Kristo.

Muvy’ukuri, iyo tutazi abo turi, ntidushobora no kumenya uburenganzira bgacu.

Bibiliya irambwira ko ndi umwana w’Imana (Yohana 1:20) kandi ko ndi intumwa y’Imana ku isi (2 Ab’i Korinto 5:20).

Abatanzi neza, ntibazi ko ndi icaremwe gisha (2 Ab’i Korinto 5:17), ko naho banzi ukundi, natsindanishirijwe n’Imana (Abaroma 5:1), kandi ko ndi uwera (Abanyefeso 1:1), uwuhagiwe, uwejejwe n’Imana (1 Ab’i Korinto 6:11).
Uwo niwe jewe.
Weho uri nde?

Kubera ko ndi umwana w’Imana, nanje ndi imana (Zaburi 82:6), kandi ndi n’ umuragwa w’Imana hamwe na Yesu Kristo (Abaroma 8:17).
S’ivyo gusa, ndi umwami n’umuherezi (Ivyahishuwe 1:6).
Ibi bisigura ko mugihe nganje nk’umwami, mfise kandi n’umurimo w’ubuherezi.

Nk’umwami, mfise ubutware bg’impwemu n’inkomezi z’isi.
Umwami akoresha ubutware ku bgami bgiwe, kandi muri ubgo buryo, abizera bahamagariwe gutegeka mu buryo bw’impwemu ubuzima bgabo n’imibereho yabo.
Ibi bisigura ko, biciye muri Yesu Kristo, mpagaze mu mwanya w’ubutware ku vyaha, ku mwijima, no ku nkomezi z’ikibi (Soma Abaroma 5:17).

Nk’umuherezi, njejwe gukorera Imana, kuyisenga, no gusabira abandi.
Umuherezi wo mw’Isezerano rya Kera yakora nk’umuhuza hagati y’Imana n’abantu, yatanga ibimazi kandi yasengera abantu.
Mu buryo nk’ubgo, abizera bahamagariwe gusenga Imana, gutanga ubuzima bgabo nk’ibimazi bizima, no gusabira abandi mu masengesho yabo.
Ubgo nibgo burenganzira n’ububasha bwanje.
Weho ubgawe n’ubuhe ?

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kwisobanukirwa tukamenya abo turi muri Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *