Hari amazina Imana iha abantu kugira ngo yerekane ubuntu bwayo mu buryo budasanzwe. Rimwe muri ayo mazina ni YEDIDIYA, izina Imana yahaye Salomo biciye ku muvugishwa n’Imana Natani:
«Atuma uvugishwa na we Natani kumwita Yedidiya ; agenza artyo nk’uk’ Uhoraho yamubariye.» (2 Samweli 12:25)
Iryo zina risobanura ngo “Inkoramutima y’Umukama” canke “Uhoraho aramukunda.”
Si izina gusa, n’umwidondoro, n’ikimenyetso gihoraho, n’irangamurongo ry’urukundo rwo mw’ijuru.
Uyu musi, muri Kristo, uwo mwidondoro ni uwawe.
Imana ntikuraba ngo ibone amakosa yawe, amateka mabi yo muri kahise kawe canke intege nke zawe.
Iyo ikwitegereje, ikurabisha ubuntu bwayo.
Irakuraba nk’“inkoramutima yayo.”
Ku buzima bwawe hari izina ufise ritaboneka, ariko rifise ububasha: Yedidiya, uw’Imana yikundira.
Kuba YEDIDIYA bisigura ko:
Ntiwibagiwe.
Ntiwahebwe.
Nturangwa n’ibikomere canke kahise kababaje.
Uri uw’Imana yatoranije, yipfuza, ihors hafi kandi irinda.
Kuba YEDIDIYA n’ukubaho mu buzima wizigiye ko ubuntu bw’Imana bukugose mu bihe vyose.
N’iyo uri mu bihe vy’umwijima, Imana iba iriko irategura inzira yo kugukiza no kukugirira neza.
N’iyo wiyumva ufise intege nke, urukundo rw’Imana rwo ruguma rukuriko nk’umwambaro uhoraho.
Nuko rero, tangaza uku kuri mu kwizera, uvuge uti:
“Ndi YEDIDIYA. Nkundwa n’Imana. Ubuntu bwayo buri ku buzima bwanje, kandi umwidondoro wanje ushingiye kuri Yo.”
IGISABISHO:
Mwami, urakoze kunyita uwo ukunda.
Mfasha kubaho buri munsi mur’uwo mwidondoro: ndi YEDIDIYA.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
