Uripfuza kwidegemvya?
Rondera kumenya ukuri no kukugumamwo.
Kandi Ukuri nyakuri ni Yesu Kristo ubwiwe.
Yesu yavuze ati:
«Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.» (Yohani 8:31-32)
Kuguma mw’Ijambo bisigura kubaho buri musi wisunze inyigisho ziwe, ukareka Ijambo rikaguhindura ivyiyumviro n’ivyemezo vyawe.
Ni ukubandanya ubaho kubw’Ijambo ry’Imana no kuba muri ryo, naryo rikaba urugo rwo mu mutima wawe.
Kumenya ukuri s’ukuronka ubumenyi gusa, ahubwo n’ukumenya Yesu, We Ukuri kuzima (Yohani 14:6), no kuba mu mubano w’ukuri na We, ugatera imbere mu bumwe na We.
Kwidegemvya ni ukubohorwa:
• ku caha (Yohani 8:34),
• ku gucirwa urubanza no kwiyagiriza (Abaroma 8:1),
• ku bwoba no ku butware bwa Satani (Abakolosayi 1:13).
Umwidegemvyo nyakuri s’uwo hanze, ahubwo n’uwo mu mutima, uraramba kandi n’uw’ukuri, n’igihe woba uri mu ngorane.
Muri Kristo tuharonka umwidegemvyo nyakuri n’ubuzima budashira (Yohani 17:3).
Kubw’ugukomezanya kw’abera,
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA