Nta muntu n’umwe akunda uburyarya, mbere n’abantu b’indyarya ubwabo, ntibakunda uburyarya.
Niba abantu b’indyarya badakunda ko abandi bababera indyarya, n’uko uburyarya ari bubi.
« Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkoko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura. »(Matayo 23:25)
Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bari ba bera hino.
Inyuma, bagaragara nk’abantu beza, basonera amategeko y’ivyanditswe, ariko imbere bari babi, kuko barangwa n’ubgambuzi n’ukutigarura.
Yesu aratwibutsa ko ataco bimaze kugaragara inyuma neza canke nk’abantu beza kandi imbere tuguma turi abantu babi kandi b’ikibi.
None mu buzima bwanje, noba meze nkabo Yesu yanka? canke mu myitwarire yanje, meze nte inyuma n’imbere?
Imana idufashe kuba abantu batagira ubudyarya.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kuba intungane kandi uturinde ibikorwa bibi vy’abantu b’indyarya.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA