NKIR’UMWANA MUTOYA

N’aho Bibiliya iha agaciro imico imwe imwe y’abana, nko kwizera no kwicisha bugufi (Matayo 18: 3-4), kuba umwere no kwezwa (Matayo 19:14), ariko iranahimiriza gukura mu mpwemu no mu bgenge kugira twirinde imico idakuze nk’iy’abana.

« Nkir’ umwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana. Mmaze gukura, mva mu vy’ ubgana. »(1 Abakorinto 13:11)

Ni iyihe mico idakuze dukwiriye kwirinda?
Ng’utu uturorero tw’iyo mico:
1.Guhungabana mu marangamutima:
Abana barashobora guhungabana mu marangamutima, kandi birabagora kwisuzuma no gushikama mu bisubizo vyabo (Soma Abanyefeso 4:14).
2.Kutagira ubushishozi:
Abana barakunda kubura ubushobozi bgo kumenya iciza n’ikibi canke kwumva inkurikizi z’ivyo bakora (Abaheburayo 5:13-14).
3.Kwikunda no kwikwegerako:
Abana barikunda, bakikwegerako ivyo babonye bifuza bataravye ivyo abandi bakeneye (Abafilipi 2:3-4).
4.Ubujiji no kubura ubgenge:
Abana nta bumenyi n’ubgenge bikwiriye bafise, kandi kenshi barahendwa (Imigani 4:7).
5.Guhungabana mu mpwemu:
Abana barashobora kuyovywa bakava mu kwizera kwabo canke mu murongo wo mu mpwemu barimwo(1 Abakorinto 14:20).

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe inkomezi zo kwirinda imico idakuze.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *