«None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.» (Yosuwa 1:9)
Imana yaraduhaye ububasha n’ibigwanishwa vyo mu mpwemu kugira ngo tubashe gutsinda ikibi (Abanyefeso 6:11).
Ariko kugira ibigwanishwa ntibihagije — turakeneye ubutwari n’inkomezi kugira ngo tubikoreshe.
Umusirikare afise ibigwanishwa ariko adafise umutima w’ubutwari aba yatsinzwe.
N’uko umukirisu azi Ijambo ry’Imana ariko atagira inkomezi zo mu mutima, ntashobora gutsinda mu bigeragezo.
Na Mose, n’ubwo yari yuzuye Mpwemu w’Imana, yaravuze ati:
«Erega sinshobora guterura aba bantu bose jenyene, kuko bamvuna.» (Guharura 11:14)
Imana yaramukomeje kandi ikomeza na Yosuwa yamusubiriye.
«Maze Mose ahamagara Yosuwa, amubaririra imbere y’Abisirayeli bose, at’ Ushikame, ushire amanga, kukw ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha: ni wewe uzokibashikiriza.» (Gusubira mu vyagezwe 31:7) N’abakomera barakeneye ubutwari buva ku Mana.
Na Dawidi yarigeze kugira ubwoba, ariko Ijambo ry’Imana rivuga riti:
«Ariko Dawidi ariremesha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.» (1 Samweli 30:6)
Ubutwari nyakuri ntibuva mu mubiri, buva mu kwizerana n’Imana.
Iyo twacitse intege nk’uko vyagendekeye Eliya mu bugaragwa, Imana ntiduheba, ahubwo iradukomeza (1 Abami 19:7).
Ni co gituma umuhanuzi avuga ati:
«Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ utagira intege amwongeramw’ inkomezi.» (Yesaya 40:29)
Isengesho ryacu ryo buri munsi rikwiye kuba iri:
«Mukama, nkomeza umpe n’ubutwari.»
Si isengesho ry’abanyantege nke, ahubwo ni iry’ukwizera — kuko Imana yonyene ishobora guhindura ubgoba bukaba inkomezi, n’ukwihebura kuba intsinzi.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Umushingantahe w’ubuntu bugarura ubugingo.