Mose amaze kwumva ubutumwa bwo kuvana Abisiraheli muri Egiputa, yabwiye Imana ati:
« Ubgawe n’utajana natwe, ntudukure ino. »(Kuvayo 33:15)
Mose yaratahuye ko iyo Imana itaba kumwe nabo, ngo ibe hagati yabo, batari kugera iyo baja.
Muvy’ukuri, iyo tunaniwe ivyo twiyemeje, iyo tudashoboye kurangura neza ivyo tujejwe, n’ivyo dushinzwe, n’uko tuba twabigiyemwo tutabijanywemwo n’Imana, tukagenda tutari kumwe n’Imana.
Ntitukagire ico dukora tutari kumwe n’Imana.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutigera tugira aho tuja utari kumwe natwe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA