NTA MUNTU MFISE !

Ayo majambo yuzuye agahinda n’ukwigunga, yavuzwe n’umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani arwaye:
« Mugenzi, nta muntu mfise… »(Yohani 5:7).
Nta muryango wamufasha,
nta ncuti yamushigikira,
nta muryango canke umubanyi yamugirira ikigongwe.
Igihe cose amazi yazikuruka, igihe cose amahirwe yo gukira yashika, uwundi muntu yaca amutanga gutarukiramwo.
Ubuzima bwamubereye bubi.
Yari wenyene. Ntawamwitaho.

Woshobora kuba nawe uno munsi uvuga nk’ayo majambo:
« Nta muntu n’umwe mfise! »
Nta muryango ugufata mu mugongo.
Nta ncuti y’ukuri ubona.
Nta muntu aguhumuriza mu buzima bugoye urimwo.
Woba uri mu bantu benshi, ariko wumva uri wenyene mu mwijima.
Uratabaza, ariko nta n’umwe ubona akwitaba.

Ariko Yesu we arakwitaba.

Mu mwanya uwo mugabo yari arindiriye ko haza umuntu amusunikira mu mazi, Yesu we ntiyarinze kumusunikira mu mazi.
Ntiyakeneye gukoresha uburyo buhambaye.
Ntiyakeneye imfashanyo y’abantu.
We ubwiwe niwe gisubizo.
Yesu yamubgiye, ati « Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende. »
Buno nyene uwo muntu yaciye akira, yikorera ikirago ciwe, aragenda.

Iyo ata n’umwe ufise, Yesu arakwitaba nk’Umwe rukumbi ukeneye vy’ukuri.
Yesu arabona intimba iri mu mutima wawe abandi batabona, arumva imiborogo y’umutima wawe abandi batumva, kandi aratahura ivyo abandi batoshobora gutahura.
Ikiruta vyose, aragira n’ico akora.

Yesu arazi uwo yoshobora gukoresha kugira akugirire neza.
Arazi uburyo bwo guhindura imitima, amategeko, n’ibihe bikakugirira akamaro.
Ntiyigera aburabuzwa n’uko uri wenyene, canke n’uko watawe wahebwe.
Arashobora gukoresha n’ubusa kugira yerekane ubuninahazwa bwiwe.

Niwaba uyu musi nawe uvuga uti: « Nta muntu n’umwe mfise! », menya neza yuko ufise Yesu.

Kandi Yesu arahagije.

Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *