NTA MUNTU YOSHOBORA KUTUVUMA

Bibiliya ibona imivumo nk’inkurikizi zo kutumvira Imana, ariko kandi itanga inzira yo gucungurwa no gutabarwa kubgo kwizera Yesu Kristo.

« Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti »(Ab’i Galatiya 3:13)

Biciye mu rupfu rwa Yesu, abizera bakuwe mu mivumo y’ivyagezwe.
None ninde ashobora kuvuma abantu Imana ubgayo yakuyeko umuvumo kandi ikabahezagira?

Nta muntu n’umwe ashobora kuvuma umuntu Imana yakuyeko umuvumo kandi ikamuhezagira.
Balamu, n’uho Balak yari rabimusavye ashimitse, ntiyashobora kuvuma Isiraheli kuko Imana yari yarabahezagiye.
“Novuma nte abo Imana itavumye?”(Guharura 23:8)

Abantu bahezagiwe n’Imana kandi barokowe n’Imana bararinzwe. Kugerageza kubavuma n’ivy’impfagusa kuko imihezagiro y’Imana iruta umuvumo uwo ariwo wose w’umwana w’umuntu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazigera twubahuka kuvuma abana b’Imana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *