Hari ukuri kudakuraho ububabare ariko gukuraho ubwoba bukomeye: Ntawongirako ububasha Imana itabimwemereye.
Igihe Yesu yari ahagaze imbere ya Poniyo Pilato, asa nk’aho atsinzwe, yarerekanye ukuri guhishwe kw’ububasha, avuga ati:
“Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru.” (Yohana 19:11)
Aya majambo ntavuga ko ubutungane bubi canke imibabaro itabaho; ahubwo ashira vyose mu bubasha bw’Imana.
Umuntu arashobora kugutera ubwoba, kuguhama canke kuguhahaza, ariko
“Nta kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.” (Abaroma 13:1)
Nk’uko ikiyaga gikomeye kitarenga imbibe cahawe n’Imana, n’umwansi arashobora kugerageza kukugirira nabi, ariko ntiyorenza imbibe Imana yemeye.
Ivyanditswe biravyerekana kuri Yobu: Satani yaramuteye ivyago, ariko mu buryo Imana yemeye gusa (Yobu 1:12; 2:6).
Nico kimwe no mu buzima bwa misi yose: hari abantu bafise imigambi mibi, bazi kandi bashobora no guhohotera, ariko ntibashobora kugera kure, hari aho badashobora kurengana.
Umwansi akora mu rwanko; ariko Imana igenzura mu bwenge. Umwansi aba ashaka gusenya, ariko Imana Yo iba igamije guhindura.
Kuki Imana yemera ivyokorwa vyose kandi ishobora kubikumira?
N’uko iba ishaka gusuzuma ukwizera biciye mu bigeragezo (1 Petero 1:7), iba ishaka guhindura ikibi kikaba iciza nk’uko yabigenje kuri Yosefu (Itangiriro 50:20), kandi iba ishaka kwerekana ko ubuntu bwayo buhagije igihe inguvu zacu zananiwe (2 Ab’i Korinto 12:9).
N’umusaraba, ugaragaza akarenganyo k’abantu, urahinduka ukaba igikoresho c’agakiza (Ivyakozwe n’intumwa 2:23).
Uru ruhusha rw’Imana ntirusigura ko Imana iba yemeje ikibi canke ko haba habuze ubutungane.
Imana siyo iba yateje ikibi (Yakobo 1:13; Habakuki 1:13), ariko iba yaretse abantu bakagikora kandi igasezeranya ko akarenganyo kose kazorenganurwa (Abaroma 12:19).
Umwizera ntahamagariwe guceceka nk’uwutabona ibiriko biramubako canke kwihora, ahubwo ahamagariwe kuba inyankamugayo, kuvuga ukuri no kugaragaza urukundo, no ku bansi biwe (Matayo 5:44; Ivyakozwe 22:25).
Ico gihe, guhahazwa kuvamwo intahe, ibigeragezo bikaba ahantu Imana yigaragariza, ijoro naryo rikaba igihe gihita, ntiribe iherezo:
“Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu…” (Zaburi 124:1–8)
Turashobora rero kubivuga tudakekeranya duti:
Ntakintu na kimwe,— yaba urwango, akarenganyo canke imitego — gikorerwa umuntu Imana itacemeye (Yohana 19:11).
Kandi iyo Imana ivyemeye, ntibiba igamije gusenya umuntu, ahubwo kuba ari kugira ngo vyose bigire umumaro nk’uko yabisezeranyije:
“Ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza.” (Abaroma 8:28)
Ijoro rirabaho, ariko buraca bugacan’ayandi (Zaburi 30:5; Gucur’intimba 3:31–33).
Ntakitubako Imana itacemeye, kandi ntaco yemera kitagira ivyizigiro.
IGISABISHO:
Mwami Mana, twigishe kwizera ububasha bwawe iyo tutumva inzira zawe.
Rinda imitima yacu ubwoba n’uburake.
Duhe amahoro yo kumenya ko ubuzima bwacu buri mu maboko yawe, n’ukwizera ko n’iyo twogeragezwa, vyose bifataniriza hamwe kuguhesha icubahiro no kutuzanira ivyiza. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
