NTIBIBA BIHEREYE AHO…

Abadebaguzi babonye inzoka ikomoye intumwa Pawulo ku kuboko, baciye bibaza ko ari umwicanyi yaciriwe urubanza n’Imana, kubera ko, nk’uko babivuze, Ubutungane butashaka kumureka ngo abeho, amaze gusimba urwo mu kiyaga.

«Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.»(Ivyakozwe 28:6)

Muvy’ukuri, Imana ntiyemerera ko ikibi gihitana umuntu agifise imigambi yayo myiza.
Iyo Pawulo apfa, ubutumwa bgiwe bg’intumwa bgari kuba buhereye aho.

Uko niko bigenda ku bantu batwanka canke badufitiye ishari.
Iyo babonye tuguye mu kaga, bibaza ko biba biheze, ko tudashobora kubivamwo.
Baba bareretse rero ko ibintu bigenda nabi bikaduhitana. Kandi yamara, igihe cose Imana igifise imigambi myiza kuri twebge, nta kibi codusenya, ubumara bw’ikibi ntabutugirako ingaruka.

Ivyo vyarabaye no kuri Yesu Kristo.
Yarafashwe, arakubitwa, arabohwa, hanyuma abambwa ku musaraba.
Benshi bibaza ko bihereye aho. N’abigishwa biwe baracitse intege, bibaza ko birangiye. Abatware b’abarongoye ivy’idini baranezerewe, abasoda b’Abaroma bararinda cane imva yiwe, abandi baramutuka bavuga ko urupfu rwiwe rwemeje ko atari Umwana w’Imana.

Ariko ku musi ugira gatatu, Imana yamuzuye mu bapfuye.
Aho abantu babona iherezo, Imana yari iriko itegekanya intango nshasha, intsinzi idasanzwe ku rupfu, ku caha no ku kuzimu.
Ico abantu babona nko gutsindwa, cari inzira y’ubuninahazwa budashira.

N’iyo abansi bawe babona ko vyarangiye, Imana ishobora kuba iriko irategura izuka ryawe, ugutunganywa kwawe n’intsinzi yawe.

Ntucike intege: ntibiba birangiye igihe cose Imana iba itaravuga ijambo rya nyuma.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuguma mu burinzi bgawe ahantu hose.
Dukomeze n’igihe duhura n’ibigeragezo, tumenye ko ubuzima bgacu buri mu minwe yawe.
Tubisavye mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo,
Amen.

Apôtre Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *