NTIDUKUNDE NK’ABANYAVYAHA

N’aho Umwami wacu Yesu aduhimiriza gukundana(Yohana 13:34), dukwiye kwirinda gukundana nk’abanyavyaha.

Abanyavyaha bikundira gusa ababakunda canke abo bitezeko inyungu.
Yamara, Yesu avuga ati:
« Ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo. Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobaguranura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo baguranurwe nk’ivyabo. »(Luka 6:32-34)

Vyongeye, abanyavyaha banka ababanka kandi bagera ikibi ku kindi.
Yamara ijambo ry’Imana rivuga riti:
« Ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerane n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha. »(1 Petero 3:9)

Kandi umuntu aravye neza, ico abanyavyaha bita urukundo, s’urukundo nyarwo ruturuka ku Mana, n’amarangamutima abasunikira gukora ivyaha.
« Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. »(1 Ab’i Korinto 13:4-7)

Reka dukunde abantu bose,tubakunde mu kuri, tubakunde ataco tubaronderako(ataco tubitezeko), kandi tubakunde n’aho boba batwanka.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe inkomezi n’ubutwari vyo kudakunda nk’abanyavyaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *