NTIDUTSITAZE ABANDI

Intumwa Pawulo atubwira ko dukwiriye kwirinda gutsitaza abandi.

« Hoye kugira ushira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se. »(Abaroma 14:13)

Nivyo turafise uburenganzira bwo kubaho mu mwidegemvyo wacu muri Kristo, ariko, n’aho dufise ubwigenge, dutegerezwa kwibuka ko hari abantu hafi yacu baraba ivyo dukora kandi bumviriza ivyo tuvuga mu bwigenge bwacu.
Biramutse bishitse tukitwara nabi, turashobora gusanga tubatsitaje mu buryo bw’impwemu.
Nico gituma, nk’abakristo, dukwiriye kwirinda gukora ikintu ico ari co cose gishobora gutuma abandi, benedata muri Kristo, batsitara, mu buryo bwo mu mpwemu, bakagwa mu caha, canke bagahungabana, canke kandi, bagacika intege mu kwemerwa no mu kwizera kwabo.
Ahubwo, ivyo dukwiriye gushira imbere, n’ukwitwararika « ivy’amahoro no gukomezanya »(Abaroma 14:19).
Ivyo nivyo bizotuma Imana ihabwa icubahiro, abizera bakomezwa, kandi isi nayo ikatubonamwo “kugororoka, amahoro n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera”(Abaroma 14:17).

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dufashe uturinde gutsitaza abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *