NTIHAGIRE ICO UBWOBA BUBATESHA GUKORA

Bibiliya itubwira ivy’umugabo yitwa Aburamu yizeye Imana n’ubwo ubwambere yari yagize ubwoba.

Uhoraho yabwiye Aburamu ati: « Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. »(Itanguriro 121)

Wovyifatamo gute Imana igusavye kuva mu rugo gwawe, mu muryango wawe, mu buzima bwawe ndetse no muvyo umenyereye vyose kugira ngo uje ahantu utazwi? Ntiwogira ubwoba? Ico ni co kibazo Aburamu yavuze. Ariko Imana yaramuhumurije, imubwira iti: « Ntutinye. »(Itanguriro 15:1)

Kenshi cane, kubera ubwoba, dukorera bike Imana yacu, n’abandi, natwe nyene ubwacu twokorera bike.

Aburamu yategerezwa kwerekana ukwizera no n’ukugamburukira Imana, agashira ubwoba bwiwe ku ruhande. Iyo Aburamu areka kugamburuka kubera ubwoba, ntiyari kwinjira mu bihe vyiwe ngo ahinduke ico Imana yamusezeranije kuzomugira – se w’amahanga menshi.

Gutsindwa n’ubwoba bihindura umugambi w’Imana mu buzima bwacu.
Kora rero ivyo Imana igusaba gukora, n’ubwo woba wumva ufise ubwoba! Co kimwe na Aburamu, uzobona ko impembo ari nini.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi zo gutsinda ubwoba bwose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *