Birashoboka ko umuntu yimira Imana muvyo ishaka gukora mu buzima bwiwe.
Si uko Imana ifise aho itarengana, ariko n’uko ikora yisunze uko umuntu yizera n’uko umutima wiwe uhagaze.
Zaburi 78:41 ivuga iti:
“Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, Bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.”
Isirayeli yabonye ukuboko gukomeye kw’Imana mu Misiri no mu bugaragwa, ariko kubera ukutizera n’uguhogora bidodomba, baragabanije ivyo Imana yari yateguye kubakorera.
N’i Nazareti, Bibiliya ivuga iti:
“Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubg’ ukutizera kwabo.”(Matayo 13:58)
Ukwizera guke gufunga urugi ibitangaro vyocamwo.
Mwibuke ibi:
Utera imbere ku rugero rw’ivyiyumviro vyawe.
Ivyo wizera nivyo bigena aho ushobora gushika.
Nimba ivyiyumviro vyawe ari bibi, ubuzima bwawe buzoba bubi.
Nimba ivyiyumviro vyawe ari ivy’intsinzi, uzokwerekana intsinzi.
Ikintu cose gitangurira mu vyiyumviro imbere yo kubaho.
Ubuntu butangurira kubaho mu vyiyumviro imbere y’uko bubaho mu kuri.
Ubukire butangurira mu vyiyumviro imbere yo kubaho mu kuri.
Ubukene butangurira mu vyiyumviro imbere yo kubaho mu kuri.
Ugutsinda gutangurira mu vyiyumviro imbere yo kubaho mu kuri.
Ni uko rero, ivyiyumviro vyawe nivyo bigena imbibe zawe canke amahirwe yawe.
S’ibiri hanze bikwimira, ahubwo ni ubuziranenge bw’ivyiyumviro vyawe.
Nico gituma Bibiliya ivuga iti:
“Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha… »(Abaroma 12:2)
Ivyiyumviro vyawe birakomeye gukorako, kuko utabikoze ushobora gusanga wimiriye Imana muvyo ishaka gukora mu buzima bwawe.
Nimba ushaka kubona Imana ikora ibikomeye, hindura ugire ivyiyumviro vy’ukwizera, intsinzi, ubukuru n’amahirwe. Wanke kwimira Imana ngo ibe nto ku rwego rw’ubwoba bwawe canke rwa kahise kwawe.
Uno musi, fungura umutima wawe, uduze ukwizera kwawe, maze uvuge uti:
“Mwami, ndanse kubimira mu buzima bwanje!”
Kubwo gukomezanya kw’abera,
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA