Nk’uko tugirwa inama yo kutizigira umuntu uwo ari we wese, turasabwa kandi no kutarenza urugero mu kwigirira icizere twebwe ubwacu, kuko nk’uko abandi bishika bakihenda canke bakabanirwa gukora ivyo biyemeje, niko natwe bishobora kudushikira.
“Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, Kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.”(Imigani 3:5)
Kwigirira icizere si bibi, ahubwo muvy’ukuri ni vyiza.
Iyo ufise icizere ko ushobora gukora ikintu, mu bisanzwe birakworohera kugikora kuruta iyo ukekeranya canke utizeye ubushobozi bgawe.
Ikibi n’ukurenza urugero mu kwigirira icizere.
Iyo tutizigira Imana yacu, dushobora gusanga twarengeje urugero twari dusanzwe tugezako mu kwishimikiza ku bgenge bgacu, tugasigara twibona nk’ « abanyabgenge mu maso yacu » kuko « twishimikiza ku bgenge bwacu ».
Aho rero tuba twishize ahantu hirengeye Imana yonyine ikwiye.
Yamara Bibiliya itubgira iti: umuburo usobanutse wo kutabikora:
“Uwizigira uwiwe mutima aba ar’ igipfu.”(Imigani 28:26)
Ntidukwiriye rero kurenza urugero mu kwigirira icizere, kuko dukeneye uwuturuta ubgenge, uwuturuta gukomera, kandi aturuta n’ubugororotsi. Uwo nawe n’Imana yacu.
IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kutigera turenza urugero mu kwigirira icizere.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA