NTITWIKUNDIRE KU BANDI !

Mu bihe vy’imisi mikuru, hari aho bigaragara ko abantu bikundira ku bandi, uravye abo batumira ngo basangire n’ukuntu babakira.

Yesu yaravuze ati:
« Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura. Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe; kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi. »(Luka 14:12-14)

Muvy’ukuri, mu misi mikuru, ni gake twibuka canke twitaho aboro n’abamugaye, twikundira gutumira abakire n’abakomeye imbere y’abandi, kandi tukabicarika mu vyicaro vy’iteka.
Nivyo, ntitworeka gutumira abo mu muryango wacu, n’ababanyi bacu ba hafi, ariko, no muri bo nyene, duhitamwo guha ahantu h’icubahiro abo tubona muri bo, bambaye neza, bafise isuku, « bagaragara neza », kandi bakize, twizera ko natwe bazobidukorera iwabo.
Kandi, ivyo tubakorera vyose kugira bagubwe neza, banezerwe iwacu, tubikora kugira natwe bazobidukorere iwabo canke kubera dufise ico tubaronderako.
Ahanini, ivyo tubakorera, ntitubikora kubera urukundo tubakunda, oya, tubikora kubera twikunda gusa, tukabikundirako.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, twigishe gukunda kandi udushoboze kutarondera inyungu muvyo dukorera abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo, tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *