NTIWIGERERANYE N’IBIGATANYA

“Kandi twabonyey’ ibigatanya, ari bo Banaki, bakomotse ku bigatanya nyene: ku ruhande rwacu twabonye ko tubamezeko nk’inzige, na bo kandi bakabona kw ari ko tumeze.”(Guharura 13:33)

Umwe mu mitego mikuru ya Satani n’uwo kudutuma twigereranya n’abandi.
Iyo abishitseko, atuma tugira umutima mubi utuma twiyumva ko turi bato, ko tudashoboye, twisuzugura kandi twiyumva ko tudafise agaciro.
Ivyo nyene ni vyo vyashikiye abari batumwe gutata i Kanani: Aho kuraba isezerano ry’Imana, biyumvise nk’inzige imbere y’ibigatanya.

Kwigereranya bituma:
•tugira umutima wo kwiyumvira nabi: twumva tutigeze tugira ico tumaze.
•twihebura: tugatakaza ukwizera kw’isezerano ry’Imana.
•twiyanka: twibona nk’abatey’isoni.
•tugira ubwoba: ntitugire aho dutera imbere.

Ariko hari ukuri dukwiriye kumenya no guhora twibuka: Satani ntashaka ko tumenya ubushobozi n’inkomezi Imana yashize muri twebwe. Arazi neza ko usobanukiwe uwo uri muri Kristo, woca umenya agaciro kawe n’ubushobozi bwawe, ntawoguhagarika. Ni co gituma ashaka kuguhisha uwo uri we no kuguhumya amaso kugira ngo ubone intege nke zawe gusa.

Ariko Imana ntiyadutumye twigereranya n’ibihangange. Yadutumye kuyihanga amaso. Yosuwa na Kalebu babonye ibintu bimwe, ariko kubera babirabisha amaso y’ukwizera, baravuze bati: “Ni muze tuduge ubu nyene, tuhashikire, kuko dushobora rwose kuhatsinda.” (Guharura 13:30)

Ico twomenya co, n’uko atari uburebure bw’ibigatanya butanga intsinzi, ahubwo ari ubukuru bw’Imana yawe.
Kwigereranya n’ikinyoma Satani akoresha kugira ngo akubuze gushikira ivyo Imana yagusezeraniye.
Ariko ukuri ni uko uri umwana w’Imana, umuragwa w’isezerano ryayo, kandi urusha abatsinda bose muri Yesu Kristo.

Uyu musi, niwanke umutego wo kwigereranya. Ntukiyumve nk’inzige, Wiyumve uko Imana ikuraba: Yaraguhisemwo, urakunzwe, wujuje ubushobozi n’inkomezi vy’Imana kandi urashoboye gutsinda.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana Ishobora vyose, mfasha kubona uko ubona. Mfasha kutigereranya n’abandi, ahubwo ngendere mu nkomezi n’umurage wampaye.
Menagura umutima wo kwiyumvira nabi, ubwoba n’ivyiyumviro vyose binca intege biterwa n’umwansi. Nyereka ingabire, ubushobozi n’inkomezi wampishije kugira ngo mbashe kubaho mw’isezerano ryawe.
Ni mw’izina rya Yesu Kristo ndabisavye. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *