NTUKISHIMIRE ABANTU

Hari abantu wishimira? Niwaba ubikora, urihenda, kuko, umusi umwe uzokwumirwa. Mbere n’Imana yacu irabituzuza.

Uku ni k’Uhoraho agize, at' »Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho. »(Yeremiya 17:5)

Hariho itandukaniro hagati yo kwishimira Uhoraho na kwishimira abana b’abantu ugakura n’umutima wawe k’Uhoraho.
Abishimira Uhoraho bazohabwa imigisha myinshi. Ariko abishimira abantu nabo « baravumwe ».

Kuber’iki kwishimira abana b’abantu ari bibi?
Ubwa mbere, n’uko kenshi bishika bakaduhemukira:
Benshi baba bafise ico baturonderako, baba bishakira inyungu zabo. Kandi n’aho ico boba baturonderako coba ari ciza, vyoshika ntibashobore kuduha ivyo dukeneye no kudufasha mu gihe turi mu bibazo.
Ariko Imana yo, ishobora vyose kandi n’iyo kwizerwa cane!
Ubwa kabiri, n’uko kuva ku Mana tukishimira umuntu bibabaza Imana cane:
Ibi vyerekana ko tuba tutayizeye bikwiriye. Twikuye ku Mana, twe abantu, ntidushobora gutera imbere no kubaho mu mahoro n’umunezero.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kutigera twishimira abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *