NTUNEZEREZWE N’IVYAGO VY’ABANDI

Bibiliya yigisha neza ko tudakwiriye kunezerezwa n’ivyago vy’abandi.
Ngiyi imirongo ya Bibiliya ibisigura neza:

« Umwansi wawe ni yagwa ntuz’ unezerwe, Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara: Uhoraho yoye guhava abibona, bikaba bibi mu nyonga ziwe, Akaroresha irya uburake yamurakiye. »(Imigani 24:17-18)
Iki gice kituburira kwirinda kunezerezwa n’ivyago vy’uwundi, n’aho yoba ari umwansi.

« Asangwa naranejerejwe n’uk’ unyanka ageshejwe, Canke nkitereshwa hejuru n’ukw ivyago bimushitseko, Kand’ ari jewe nari narazitiye akanwa kanje ngo ntigacumure, Ntikamuvume ngo kamwifurize gupfa. »(Yobu 31:29-30)
Yobu aguma avuga ko atigeze anezerezwa n’imibabaro y’umwansi wiwe, agaragaza ubutore bwiwe.

« Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. »(Abaroma 12:15)
Ibi bituma umuntu agira impuhwe aho kunezerezwa n’umubabaro w’abari mu vyago, bikadusaba no gusangira umunezero n’abanezerewe .

« Ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri. »(1 Abakorinto 13:6)
Urukundo nyarwo ntirunezerezwa n’ivyago vy’abandi, ahubwo rushaka igitunganye n’iciza.

Muri make, Bibiliya yigisha ko kunezerezwa n’ivyago vy’abandi ari bibi. Ahubwo, Imana iduhamagarira kugira impuhwe n’urukundo, mbere no kubatugiriye nabi.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, dushoboze guhora twifatanya n’abansi bacu hako tunezerezwa n’ivyago vyabo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *