NTUVUGE NGO « IMANA IBAHO », VUGA UTI « IMANA IRIHO »

Bibiliya, cane cane mw’Isezerano rya Kera, igaragaza ukuri kw’uko Imana « IRIHO » aho kuba « ibaho ».
Ibi bigaragarira muri rimwe mu majambo azwi cane yavuze:
« NDI UWO NDIWE » (Kuvayo 3:14), aho Imana yigaragarije Mose, ikigaragaza mu majambo yerekana kubaho guhoraro kwayo, kwuzuye kudashingiye kubindi bindi bintu vyose.

Iri jambo ryerekana ko Imana itagira itanguriro n’iherezo, ariko ko IRIHO muri Yo ubgayo, irengeye ibihe n’umwanya.

Muri Bibiliya, Imana ikunze gusobanurwa nk’isoko ry’ibintu vyose bibaho.
Imana ntiriho gusa, ahubwo ni nayo yaremye vyose.
Akarorero, mu gitabo ca Yohana (1:1), handitswe ngo: « Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana. »
Aha niho tubonera ko Imana, uretse ko IRIHO kandi YAHOZEHO, niyo shingiro ry’ibintu vyose bibaho.

Kuvuga rero ngo « Imana iriho » aho kuba « ibaho » n’ishimikiro rikomeye y’ukwizera kwa gikristo ndetse no mu buryo abizera babaho mu buzima bgabo bga minsi yose.
Uku kuri kuduhamagarira kwumva ko Imana ibana natwe mu buzima bwacu bwa minsi yose.

Ngizi zimwe mu nsiguro ngenderwako:

1. Imana ihoraho:
Nimba Imana « iriho, » bisigura ko ihora ihari, ahantu hose n’ibihe vyose.
Uku gusobanukirwa kutwibutsa ko tutigera tuba twenyene.
Mu kwizera kwacu, ibi bidusaba kurondera umubano uhoraho na Yo, gusenga, kwiyumvira, no kubaho imbere yayo, tuzi ko ihora ihari, mu buzima bgacu bga minsi yose.

2. Imana irengeye ibihe:
Imana, kuba itagengwa n’ibihe, iduhamagarira kugira ivyiyumviro vyagutse ku buzima bgacu.
Ibibazo duhura navyo birashobora kuba ivy’igihe gito, ariko Imana yo ihoraho.
Ibi bidufasha kudaha agaciro ibigeragezo mu vyiyumviro vyacu no kugira ivyizigiro, tuzi ko ivyiza Imana ikora bihoraho, mbere n’iyo turi mu bibazo.

3. Kwizigira Imana no kuyiha:
Tumaze gusobanukirwa ko Imana « iriho » kandi ko idakeneye kwemezwa canke ko itagengwa n’ivyiyumviro vy’abantu, tuba dukwiriye kuyizera.
Uku kuri gutuma twizigira ubgenge bgayo kandi twemera ubgigenge bgayo, n’aho tutumva vyose.
Imana ntikora ikurikije ivyo tuyitezeko canke ugusobanukirwa kwacu, ahubwo ikurikiza ubugombe bgayo butunganye.

4. Umubano wacu nayo ushingiye ku « kubaho » ntushingiye ku bintu bifatika:
Nimba Imana iriho, bivuze ko kwizera kwacu kudashingiye gusa kuvyabaye kera canke ku bimenyetso bigaragara, ahubwo gushingiye ku kuri k’UKUBAHO kw’Imana.
Umubano wacu n’Imana utegerezwa kuba uw’umuntu w’imbere, agaburirwa no kubana vy’ukuri n’Uhoraho, ahoraho kandi ahora hafi yacu.

5. Guhinduka mu buryo bgo mu mpwemu:
Gusobanukirwa ko Imana « IRIHO kandi IHORAHO » bisigura ko ukuhaba kwayo gutegerezwa kuduhindura.
Nimba Imana ari ukuri kuzima kandi kutagaragara, ibi bikwiriye kugira inkurikizi mu buryo dukora, twiyumvira, canke tubaho minsi yose.
Dutegerezwa kwerekana ukubaho kw’Imana mu buzima bgacu, mu gukunda bagenzi bacu, mu gutunganiriza abantu, mu guharanira amahoro, no mu gushaka kubaho dukurikiza amabgirizwa y’Imana.

Muri make, kumenya ko Imana « IRIHO » aho kuba « IBAHO » gusa bihindura umubano wacu nayo n’uburyo tubaho.
Ibi biduhamagarira kwizera kwimbitse, mu buzima burushijeho kumenya ko ihari kandi dufite ivyizigiro birenze ibihe vya hafi vyo kubaho kwacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kubaho tuzi ko uhari kandi uhorana natwe mu buzima bgacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *