« N’UKU MEZE » IJAMBO RIBUZA GUHINDUKA

Mu buzima bwa minsi yose, hari abantu benshi iyo ubahaye impanuro canke ubakosoye bakwishura bati: “N’uku meze.”
Iryo jambo risa n’irisanzwe, ariko kenshi aba ari intambamyi ituma umuntu adakura.
Aba ari uburyo bwo kwikingira kugira ngo ntahinduke, mbere akaba n’ukwemeza imyifato ibabaza abandi canke ibuza umugisha.
Ariko nk’uko Bibiliya ibivuga, Imana ntiyahamagaye umuntu ngo agume uko ari. Iramwakira uko ari, ariko ikamuhindura kugira ngo amere nka Kristo kurushaho.

Ivyanditswe birasobanutse: gukurikira Yesu biva ku guhinduka.
Pawulo avuga ati:
« Mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo; mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu, mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri. »(Abanyefeso 4:22–24)
Ibi bisigura ko kamere twakuranye —uburake, inzigo, ishari, amanyama, ubwishime—bidakwiye kuba ibituranga, ahubwo n’ibintu Imana ishaka kudukurako.
Kuvuga ngo “N’uku meze” kenshi n’uburyo bwo kwanka guhinduka.

Bibiliya ivuga neza ko kwanka gutozwa ari ubupfu:
“Uwanka guhanwa aba ar’ ikiyingiyingi.”(Imigani 12:1)
Kandi ivuga ngo:
“Ubgoro n’ibiteterwa bizoba ku wanka gutozwa indero nziza,
Arik’ uwumvira igihano azokwubahwa.”(Imigani 13:18)

Ubwenge nyakuri bubonekera mu kwemera kwumviriza.
“Wihanize umunyabgenge, azogukunda… Wigishe umugororotsi, azokwunguka kumenya.”(Imigani 9:8–9)

Yesu ubwiwe yerekanye urukundo rutagira uko rungana rufatanije n’ukuri. Yabwiye umugore yafashwe mu busambanyi ati:
“Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha.”(Yohani 8:11)

Pawulo avuga kandi ati:
“Turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi.”(2 Abakorinto 3:18)

Impinduka itangura iyo tuvunye kuvuga ngo “N’uku meze.” tukavuga ngo:
“Mwami, hindura umutima wanje.”

Bibiliya kandi ivuga iti:
“Umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.”(2 Abakorinto 5:17)

Mu vy’ukuri, amajambo “N’uku meze” azibira iterambere, ubwitonzi n’umugisha.
Imana iradukunda uko turi, ariko iradukunda cane ku buryo itatureka uko turi.

IGISABISHO:
Mwami Yesu, nyereka ivyo nakingiye vyose.
Nkuramwo ukwihagararako kwanka guhinduka.
Mpa umutima woroshe kandi wicisha bugufi, witeguye guhinduka.
Hindura kamere yanje ku bwa Mpwemu wawe, ungire umwana ahora yifuza kumera nkawe imisi yose.
Mw’izina rya Yesu. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *